Accueil > Amakuru > umutekano > Cankuzo : Major Dieudonné KARASHIRA yiciwe mw’ikambi
Cankuzo : Major Dieudonné KARASHIRA yiciwe mw’ikambi
jeudi 26 Nzero 2017, par
Major Dieudonné Karashira, intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi yahora akorera mw’ikambi yo ku Mutukura mu ntara ya Cankuzo yishwe arashwe na mugenzi we mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.
Iyo ntwazangabo yarasiwe mw’ikambi ya Mutukura, uwamurashe akaba yafashwe. Amakuru ava aho muri iyo kambi avuga ko uwo musirikare yishwe yarashwe amasasu menshi, uwamurashe aca yiyugaranira mu nzu, ahuma arasa gushika afashwe.
- Major Dieudonné Karashira
Mu gisirikare c’Uburundi baremeza ayo makuru y’iyicwa rya Major Dieudonné Karashira, ariko bakamenyesha ko ari isanganya ryabaye, kandi ko amatohoza yamaze gutangura.
- Iyo ntwazangabo yarasiwe mw’ikambi ya Mutukura mu ntara ya Cankuzo
IGIHE
Messages
26 Nzero 2017, 10:37, par SUGURU SEBASTIEN
BURYA NA BA CHEF NUKURABA BAKAZA BARUBAHA ABO BAKORESHA USANGA BARI BAFISE ICO BAPFA
26 Nzero 2017, 11:15, par Bireke
Reka Kwicana Yemwe Imana Izobahana Kumusi Wimperuka.
26 Nzero 2017, 11:18, par Alain Nyabenda
Iyo niya politique ya kamwe kamwe. Ico gisirikare casambutse kera. Aba ex-fab bicwa nkimpene.Aba dd ngo umutekano urenzeko. Ivyabaye i Muyinga birimwo igipfungu cinshi none iyo abasuma baje kwiba mwikambi baba ari aba ex-fab? Ntimuhendwe ihonyabwoko ryatanguye kuva kera .Nibarangiza kwica aba ex-fab abasigaye nukwicwa nkimbeba. Ubu bariko basaba impunzi gutaha kugira bamarire nagasigaye .Abo ba dd badakuye ubwicanyi muri politique yabo bakoresheje irementanya ntaho tuja ntaho tuva.
26 Nzero 2017, 13:08, par Musaga
Uyu nawe akurikiye Hafsa Mossi,Mr Bunyoni aramuriye, akari inyuma karahinda
26 Nzero 2017, 13:11, par Adolphe Nshimirimana
Hhaahh ko mutaravuga ko u Rwanda rubisimwo uruhara?murahenda abandi mwarahinyutse
26 Nzero 2017, 13:41, par Warumonge
Ntakundi Imishiyiwe Yarikwiye
26 Nzero 2017, 14:32, par rwanronga rwabugiro
ibyi wanyu ntibyoroshye kabiza ndabona mukomeje kumarana
26 Nzero 2017, 16:19, par kariyo
uyo sha ndamuzi aho yarapangiye agahabara twabana mu Mirango mu kamenge.niyigire nta kundi!!!
26 Nzero 2017, 19:03, par Proud to be rwandan
Ko mwibagiwe kuvuga ko ari u Rwanda rwamurashe?
26 Nzero 2017, 22:09, par Cobla Rouge
Nimureke Kuvuga Meshi Kuko Siko Kuyamara, Gusa Mumenyeko Ibuye Riserutse Ritica Isuka Tekereza Ubutungane Bukore Nicogituma Buhari.
26 Nzero 2017, 22:11, par Cobla Rouge
Nimureke Kuvuga Meshi Kuko Siko Kuyamara, Gusa Mumenyeko Ibuye Riserutse Ritica Isuka Tekereza Ubutungane Bukore Nicogituma Buhari.
27 Nzero 2017, 18:59, par MANIRAKIZI.EMIRE.
AHUBWO.IMANA.NIRABE.ICO .YOKORA . NGAHA MUBURUNDI
27 Nzero 2017, 19:00, par MANIRAKIZI.EMIRE.
AHUBWO.IMANA.NIRABE.ICO .YOKORA . NGAHA MUBURUNDI
30 Nzero 2017, 20:52, par orivyen
none baripfuyiki?kugira amwice?