IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Radio Buja FM irabeshuza ivyashikirijwe na Cedric Bangy

Radio Buja FM irabeshuza ivyashikirijwe na Cedric Bangy

mardi 8 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiteramo ca Buja Fm cabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 06 Myandagaro caheze nabi kubera imishamirano yaduze hagati y’abari bitavye igiteramo. Eka no ku ruhande rw’abaririmvyi, hari abatashe riniga ko batswe Micro imbere y’abakunzi babo, abandi ko baciriwe indirimbo bari ku ruhimbi baririmba. Inyuma y’ivyo, Cedric Bangy, yanditse kuri Facebook yiwe ko afise amakuru yo kwizera yemeza ko Buja Fm yahagaritse kuvuza indirimbo z’Abarundi.

Cedric Bangy atangura avuga ko iyo ngingo ya Buja Fm itisoneye. Abandanya avuga kandi ko na kare iyo nsamirizi yavuze izo ndirimbo idasavye urusha benezo kandi yategerezwa kunazigura. Si ivyo gusa, Cedric Bangy yagiriza kandi Buja Fm gukoresha aka mwana wa mama mu kuvuza indirimbo za bamwe nu baririmvyi gusumba abandi.

Muri Buja Fm baremera ko bumvise ayo makuru, bakanayabeshuza. Ami Pro wo muri Buja FM ashikiriza ikiganiro Hit Connexion gitumirwamwo cane abaririmvyi b’Abarimvyi kikanavuzwamwo kandi n’indirimbo zabo atubwira ko ayo makuru atariyo. Mu kubeshuza iyo nkuru, Ami Pro avuga ko mu kiganiro Hit Connection co kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 08 Myandagaro (14h-16H) batumiye umurundi DJ Pro.

Tubibutse ko Cedric Bangy yari yatumiwe muri ico giteramo ariko akaba atashimye ukuntu ururirimbo rwiwe rwari kuri CD rutavuze neza, ariko guhamagarira abari mu giteramo ngo bazomere umu Dj, ivyo bamwe mu bakunzi b’umuziki w’Uburundi batashimye.

PNG - 914.2 ko
Cedric Bangy mu giteramo Dunda na BUja FM kuri uwu w’Imana

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.