Christiano Ronaldo yatahukanye umupira w’inzahabu ku ncuri ya gatanu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 décembre 2017 saa 09:52
11520
0 0

Umukinyi Christiano Ronaldo ava mu gihugu ca Portugal, akinira kandi umurwi Real Madrid wo muri Espagne niwe yahawe agashimwe k’umupira w’inzahabu gahabwa umukinyi yigenjeje neza mu mwaka. Christaiano Ronaldo aronse ako gashimwe ku ncuro ya gatanu.

Ibirori vyo gushikiriza umupira w’inzahabu umukinyi Christiano Ronaldo vyabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 Kigarama 2017, ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris.

Umupira w’inzahabu umukinyi Christiano Ronaldo yahawe watumye anganya na mukeba wiwe Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone, uko ari babiri bakaba bamaze imyaka 10 biharije uwo mupira.

Christiano Ronaldo yariko ahiganirwa umupira w’inzahabu uhabwa umukinyi yigenjeje neza mu mwaka, na Lionel Messi hamwe na Neymar Junior akinira umuri Paris Saint Germain wo mu Bufaransa.

Umukinyi Christiano Ronaldo yahawe ako gashimwe mu mwaka wa 2008,2013,2014, 2016 na 2017, mu gihe Lionel Messi yaronse ako gashimwe mu mwaka wa 2009,2010,2011,2012 na 2015.

Abakinyi 10 bahiganirwa umupira w’inzahabu mu mwaka wa 2017 ni : Christiano Ronaldo, Lionel Messi, Neymar Junior,Giorgi Buffon, Lucas Modric,Sergio Ramos, Kryan Mbappe,Ngoro Kante, Robert Lewandowski,na Henri Kane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha