Amakuru ava aho i Bukinanyana, amenyesha ko ico kiziga catowe cari kiboshe, abaho muri ako gace bakamenyesha ko yoba yiciwe ahandi hanyuma ikiziga kiza gutabwa aho catowe.
Abajejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bamaze kurungika inyamiramabi kugira zitangure amatohoza.
Ku ruhande rw’abajejwe intwaro, bavuga ko icihutirwa ari guca bashingurana iteka ico kiziga.
Ariko se aya mabi aca abandanya, abarundi ntituzohona koko, nta muni uhera ntumvise umuntu wiciwe mu kibira ikiziga catowe ahant hatandukanye bizohera bite ryari ni nde uzobihagarika mugabo. ni agahomeramunwa. None aba hoho bazira iki ? tuzokomeza turebere gusa ngo inyamiramabi ziri mu matohoza adahera bizoshika ryari yemwe yemwe !!!!!!!1