Cibitoke-Mugina:Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 Ruheshi 2017 saa 11:58
Yasomwe : 7839
0 0

Umugabo azwi kw ‘izina rya Juma Habonimana yaba ku mutumba Muyange wa Komine Mugina,intara ya Cibitoki, yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi yishwe n’abantu bataramenyekana.

Amakuru dukesha ababanyi b’uwo yitavye Imana, amenyesha ko Juma Habonimana yitavye Imana inyuma yo gukubitwa ikintu mu mutwe.

Mu gipolisi mu ntara ya Cibitoke, bamenyesha ko inyuma y’urupfu rwa Juma Habonimana hashobora kuba hinyegeje indyane z’amatongo,kuko yari asanzwe arindiriye ko urubanza rujanye n’itongo yatsinze muri sentare rushirwa mu ngiro.

Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura, kugira bashobore kumenya abakoze ubwo bwicanyi.

Aho mu Cibitoke nyene, mw’ijoro ryo kw’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi 2017, uwundi muntu yakomerekejwe na gerenade yatewe mu bunywero muri komine Murwi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha