IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Umugabo bikekwa ko ari mu barungika abantu mu bihugu vy’abarabu (...)

Cibitoke: Umugabo bikekwa ko ari mu barungika abantu mu bihugu vy’abarabu yahagaritswe

samedi 2 Nyakanga 2017

Amakuru ava aho mu Cibitoki amenyesha ko uwo mugabo yahagarikiwe kw’ibarabara rya 5 rya zone Cibitoki, ari kumwe n’uwundi mukenyezi, afise kandi impapuro zifasha abantu kujabuka imbibe z’abantu benshi.

Ayo makuru nyene ava mu baba muri zone ya Cibitoki hafi yaho bafatiwe, yemeza ko muri izo mpapuro yafatanywe, harimwo n’izo uwo mugore bari kumwe.

Abo bantu bahagaritswe inyuma yaho haheze iminsi havugwa abantu bajanwa mu bihugu vy’abarabu, babwirwa ko bagiye gukora akazi, ariko abashitseyo bakagaruka bavuga ko bakoreshwa nabi.

Amashirahamwe aharaniraagateka ka zina muntu amaze kumenyesha ko abigeme n’abagore batari bake bamaze kujanwa mu bihugu vy’abarabu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.