Cibitoke : Umurovyi w’umurundi yahagaritswe n’abasirikare b’Urwanda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 Ruheshi 2017 saa 10:29
Yasomwe : 26775
0 0

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko hari umurundi yafashwe n’abasirikare b’Urwanda mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yafashwe nk’igihe c’isaha imwe n’igice mu gatondo, ku ruzi Ruhwa rugabura Urwanda n’Uburundi.

Pierre NKURIKIYE avuga ko imbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa abasirikare b’Urwanda bagerageje kumuhagarika aari kumwe n’uwundi azwi kw’izina rya Bucumi, igihe bari baje gutegura imitego y’ifi mu ruzi Ruhwa.

Mw’itangazo umuvugizi w’igiporisi yasohoye inyuma y’ifatwa rya NDAYIKENGURUKIYE Jackson, yamenyesheje ko Bucumi yari kumwe na NDAYIKENGURUKIYE Jackson yashoboye guhungira ku ruhande rw’Uburundi, mu gihe NDAYIKENGURUKIYE Jackson nawe yahungiye mu ruzi, ari naho abasirikare b’Urwanda bamusavye kuvayo no kubakurikirira.

Muri iryo tangazo, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko imbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa ,abasirikare b’Urwanda barashe amasase atanu hejuru.

Imvo nyamukuru yatumye NDAYIKENGURUKIYE Jackson ahagarikwa ntiramenyekana.


Kumenyekanisha

1
Nkundimana Gerard 29-06-2017 à 21:33

Abasirikare Burwanda Sinzi Ico Bashaka Baguma Basomborosta Uburundi Nubu Baraye Bishe Umuntu Batwara Babiri Muri Komine Mabayi Nabosinzi Kobatabishe Musenge Cane Imana Izishura

2
Gérard Ntakirutimana 21-06-2017 à 19:49

mbe Ko muburundi Hariho Abanyarwanda Murwanda Hakaba Hariyo Abarundi,none Abarundi Urwanda Rudashaka N’abahe?

3
Ntiruhungwa 21-06-2017 à 12:27

Jewe numva ari agatotezo badufitiye nyimba yoba yafashwe atampamvu itomoye ihari!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha