Cibitoke : Umuvugabutumwa wo kw’ishengero ry’abagenzi yari yafashwe yarekuwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Nyakanga 2017 saa 02:54
Yasomwe : 7731
0 0

Abantu indwi bari bafashwe mu ntara ya Cibitoke muri komine Rugombo, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana barekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere. Amakuru dukura aho mu Cibitoke avuga ko abajejwe umutekano bari biketse ko ari abayoboke ba RWASA Agathon bari mu nama.

Muri abo indwi bafashwe bari bafashwe, harimwo umuvugabutumwa wo kw’ishengero ry’Abagenzi (Eglise des Amis) mu ntara ya Cibitoke.

Pasitori Gaspard NTAWUNDONDERA wo mw’ishengero ry’Abagenzi (Eglise des Amis) mu ntara ya Cibitoke yari kumwe n’abandi bantu batandatu bari baje gusuhuza umugore wiwe yari arwaye, bose bakaba bagirijwe ko bari mu nama itazwi n’abajejwe intwaro.

Inyuma y’ukwumvirizwa, abo bantu bose basiguye ko bari bagiye gusuhuza uwo mugore wa Pasitori arwaye, bakaba barekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha