Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Col BARATUZA: Abasirikare 6 nibo bitavye Imana bari kugarukana amahoro ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Col BARATUZA: Abasirikare 6 nibo bitavye Imana bari kugarukana amahoro ku (...)

Col BARATUZA: Abasirikare 6 nibo bitavye Imana bari kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU

mercredi 31 Rusama 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa 31 Rusama 2017, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yavuze ko mu gihe kw’igenekerezo rya 29 Rusama, amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko Uburundi bufise abasirikare 850 bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU mu gihugu ca Centrafrique.

Col Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yaba igihugu kirungitse abasirikare canke abasirikare bonyene ubwabo baharonkera akarusho.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba yavuze ati : « Hariho akarusho kanini ku bihugu no ku ngabo ziba zagiye kurangura ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa ONU mu kumenyera gukorera hamwe n’abandi mudasangiye imico n’imigenzo, kurangura ubumenyi bigatuma igihugu kimenyekana neza mu makungu

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba amenyesha ko abasirikare 117 bo mu bihugu vyose birungika abasoda muri Centrafrique aribo bamaze gupfa bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri abo Abarundi akaba ari batandatu.

Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno mwaka icivugo ari : ‘’Ugutsimbataza amahoro kw’isi yose’’.

Hambavu y’abasirikare 850 bari mu gihugu ca Centrafrika kugarukana amahoro mu rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Uburundi bufise kandi abasirikare barenga 5000 mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, ku rwego rwa AMISOM.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.