Accueil > Amakuru > umutekano > Col BARATUZA: Abasirikare 6 nibo bitavye Imana bari kugarukana amahoro ku (...)
Col BARATUZA: Abasirikare 6 nibo bitavye Imana bari kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU
mercredi 31 Rusama 2017
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa 31 Rusama 2017, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yavuze ko mu gihe kw’igenekerezo rya 29 Rusama, amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko Uburundi bufise abasirikare 850 bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU mu gihugu ca Centrafrique.
Col Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yaba igihugu kirungitse abasirikare canke abasirikare bonyene ubwabo baharonkera akarusho.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba yavuze ati : « Hariho akarusho kanini ku bihugu no ku ngabo ziba zagiye kurangura ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa ONU mu kumenyera gukorera hamwe n’abandi mudasangiye imico n’imigenzo, kurangura ubumenyi bigatuma igihugu kimenyekana neza mu makungu.»

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba amenyesha ko abasirikare 117 bo mu bihugu vyose birungika abasoda muri Centrafrique aribo bamaze gupfa bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri abo Abarundi akaba ari batandatu.
Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno mwaka icivugo ari : ‘’Ugutsimbataza amahoro kw’isi yose’’.
Hambavu y’abasirikare 850 bari mu gihugu ca Centrafrika kugarukana amahoro mu rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Uburundi bufise kandi abasirikare barenga 5000 mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, ku rwego rwa AMISOM.
MUGISHA Van Naris
Messages
31 Rusama 2017, 14:32, par kariyo
iyo titre nkubwo ishatse kuvuga iki ko mbona mu nkuru muriko muvuga ko abo 6 arabaguyeyo?
31 Rusama 2017, 15:12, par Deo Bigirumuremyi
Ndashimira Amakungu Ataja Kubihuha Vyabatavuga Rumwe Nareta Yuburund Bagomba Kwabasirikare Babarund Boguma Mugikogwa Cokugarukan,amahoro Numutekano Hanz Yigihug Kuko Abasirikar Babarund Barimubambere Bitwara Nez Mugikogwa Cokugarukan Amaho
31 Rusama 2017, 17:10, par Mangombo D.
Imbere yo gusohora inkuru za mubanza kuyisoma.
Titre ntaco ipfana da dveloppement.
1er Ruheshi 2017, 15:15, par epimicxi
ahaa! dukomeza guhomba non murabo basirikar bacu bitavy imana umuryo wabo wabuze bizoca bigenda gt? ko wumv bapfuy batararangiza igihe cab non umushahar wab uzoza ukwiy kugir ngo uhuze umuryang wabuze mb murko mufasha iki kumuryang wabuze?
1er Ruheshi 2017, 20:14, par Peter
Murarab Abo Baphuye Ko Bosubirizwa