IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Colonel Jean Baptiste MIRUHO batazira Miros yatawe muri yompi

Colonel Jean Baptiste MIRUHO batazira Miros yatawe muri yompi

vendredi 2 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare b’intwazangabo bagera kuri batanu nibo batawe muri yompi kuri uwu wa kane, bakaba bapfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura. Muri abo bafashwe harimwo Colonel Jean Baptiste MIRUHO batazira Miros.

Colonel Jean Baptiste Miruho batazira Miros nyahoze mu murwi warwanya Reta (ex-combattant du CNDD-FDD), mu nyuma yinjizwa mu gisirikare c’Uburundi mu masezerano y’uguhagarika intambara.

Iyindi ntwazangabo iri muri abo bafashwe ni Nestor Bahati batazira "ça dépend"

Amakuru atangwa n’izo ntwazangabo zafashwe avuga ko zagirizwa ugushaka guhungabanya inzego z’igihugu.

IGIHE

Messages

  • Aba DD ko mugiye gusubiranamo ,ubwo nabwo murabitwerera igihugu cy’u Rwanda?

  • mugihe harivyo babakekako nimureke turindire ikizova mwiperereza.ikibazo cabashaka kudusenyurira inzego kiraduhangayikishije,kuburyo naho yoba ari mwenewacu sinomwihanganira guko kahise turakazi murakz.

  • Kumbure mwocubwenge mukava ibuzimu mukaja ibuntu aho ba kabahendeye babakoresha muguhonya benewanyu kubwinyungu zabo aho mukanya naho baraza kuvuga ko Ari urwanda nububirigi Na ONU

  • Ntantambwe basindumuja bazigera batera muguhungabanya umutekano w"igihugu nukubakumbakumba kugeza bayamanitse bakemera ko S.E kwariw mugaba wingabo ataruko tuzohangana nabasindumuja gushika bahere nkifu yimijira murakoze.

  • BAPFUNGE MUBAHASHE MUBEREKEKO IBURUNDI RUTITAHA, KANDI MUZERARABA IZONTOVYI ZINYEGEZA MUNZEGO ZUMUTEKANO,

  • Hamwe Boba Vyukuri Bashatse Guhungabanya Umutekano W’igihugu Nibakurikiranwe N’ubutungane Bahanwe Ariko Bubikore Neza Ntihagire Abidoga Ko Habayemwo Akarenganyo.

  • ndavye imyaka Muros yaramaze aharanira amahoro hama akacaja muvyokuyahungabanya nimbarivyo birababaji, amatohoza nakorwe uzokwagirwa nicaha ahanwe kuko abarundi bifuza amahoro. ntihagire uwutwarwa nikigumbagmba kuko gukorerigihugu bisaba gushikama nokurinda gama ugashiramungira amategeko atankunzi bikabera akarorero abandi,

  • Ni Baba Vyukuri Bagomvye Guhungabanya Umutekano Wigihugu Ubutungane Ni Bubakurikirane Ariko Babikore Ku Buryo Atabidoga

  • bararaba neza abobabaha inkuru babafatisha ntibabe bagomba komucanamwo muzemuratohoza ntibajebarabahenda mugikorane ubukerebutsi nubwira mugutohoza ntihagire abagwamumporera arukuzirubusa

  • NIMURABE NIHAGIRE ABO MURENGANYA NIMWONGERE KUBESHERA URWANDA ABO NABO BAGIRIWE NICAHA MUBAHANE

  • Mchezo wa Ndani,imvano y’ifatwa ryabo basoda ngo ijanye nugushaka kwica Nyamitwe?hhahhahah mbe ko batavuze ko bahawe amabwiriza n’u Rwanda?ujinga mzigo

  • NIMUKORE IPEREREZA NEZA NTIBABACANISHEMWO KUKO VYOHAVA BIDUSIGA AMAZI AZUNGA? HAAAAA NIDANJE NINZARA IRATURDMBEJE TWOFPUMA TWICWANINZARA AHUKO TUBONA INTAMBARA YADUSIZE HABI

  • NIMUKORE IPEREREZA NEZA NTIBABACANISHEMWO KUKO VYOHAVA BIDUSIGA AMAZI AZUNGA? HAAAAA NIDANJE NINZARA IRATURDMBEJE TWOFPUMA TWICWANINZARA AHUKO TUBONA INTAMBARA YADUSIZE HABI

  • abo nabo n abasoda b u rwanda?

  • NUKURI NDABONA DUKWIRIKIYE UBWIJE, JEW NARAKOREYE CNDD-FDD, IKIRI MBERE NUMUHARI, GUSHIKA IREMEREGWA KUBUMUGAMBWE, TWARADOHOTSE KUMASEZERANO TWAGIRANIRA MUGIHE CUBUTAYU, IVYOTWUMVIKANYE NTIVYARIBI, NYECUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU CACU, YARIHENZE ARABAMUHANUYE BARAMUHENZE, ABAHUTU TWARI BENSHI, VYOBANDANIJE BIGENDA NEZA, EHE NNE ABO TWARONDREYE INEZA INZARA IGIYE KUBADUTWARA, ABASIGAYE BARIKO BARACANAMWO, NDIBUKA INAMA TWAGIRIRA MWISHAMBA RYA MANYENYE, NKUMVA NDABABAYE. IMANA YARI YABIKOZE IKABONA IBIBEREYE NUBU N’ITABARE UBURUNDI. PETER ARABUTEJE AMAPFA, NIMANA YAMA ASHINGIRINTAHE SINIBAZAKO IMWUMVA KKO ABOYICISHIJE INZARA NIBENSHI

  • ABANTU BACHAKA GUSUBIZA ABARUNDI MUKAGA YACO MUBABENBEREZA MURABAKINICHA BOBO NTIBAZOBAKINICHA NBE BACHAKIKI

  • @Darius Ikurakure
    "mbe ko batavuze ko bahawe amabwiriza n’u Rwanda ?ujinga mzigo"

    Eka biraboneke ko uri mjinga nyene! None ko ishavu ryawe rihakwa guherera mukuzungagiza uwo murizo wawe vyonyene

  • muri bible hangitse ngo : ingaruka y’icyaha n’urupfu. Ariko byose birashoka. Ikibi gikurwaho n’ikiza. Barundi bavandimwe mwivuga ngo Urwanda nirwo kibazo cy’uburundi cg ngo u Rwanda nirwo ruteza ibibazo i Burundi ibyo sibyo. Ahubwo ikibazo niri muri mwe ubwanyu. Impamvu: 1-Benshi muri mwe, muracyafite ivangura ry’amoko umuhutu aranga umututsi. Umututsi nawe akanga umuhutu . Kandi mukuri ibyo ntibyari bikwiye kubaho kuko mwese mwaremwe n’imana kandi ibakunze. Imana ubwayo iyo iza kuba ivangura amoko, amadini, amasura, uturere n’ibindi byinshi ntiyari kubikora ntiyari kurema gutyo ubwayo yari kurema abantu basa bareshya bavuga ururimi rumwe ,,,, ariko kuko ubwayo ariyo yabihisemo ikarema abantu iko ishaka ikabaha amasura atandukanye ikabatuza ahatandukanye nuko aribyo byayishimishije . None twe nkabantu turashaka kurwanya uko imana yaremye!)) nimushaka kurwanya ibyo imana yikoreye ibikunze, igisubizo nuko Imana izabakuraho mwese ikizanira abandi bantu bafite urukundo ikabaraga u burundi. Impamvu mbabwiye gutyo nuko na hano iwacu byarabaye icyabivuyemo nuko imana yakuyeho bwa butegetsi bwavanguraga abanyarwanda igashyiraho ubundi bukunda abantu kimwe. Imana ibyo Yavuze nukuri umuntu cg abantu bazajya bavangura abandi bakarangwa n’amoko bakabigenderaho mukwanga abandi cg bakagira ivangura rishingiye ku karere, kuruhu, cg kucyene wabo umuti nuko Imana izajya ibakuraho izane abandi bakundana bavangura,mbese babona ko umuntu ari nkundi,kandi akwiye kubaho. Dore mbahe impanuro kandi nziza izabagirira akamaro ni muyumvira. Musome muri Bible YESAYA 1:19-23 ni mudakundana uwiteka azabarimb

  • Na Niyombare na Gaciye ubwenge ntawariziko barikwemera uwobahenda bakinjira muvyoguhemukira igihugu cabo, nimubatohoze neza ntakidashonoka.
    Ifaranga rya Bulaya rizosiga abataribake kure kuko abokuribatesha nokuribarisha nabi nabo baripanze kubwishi.

  • @Uri Gito,uri gito kweli,shame on you, none ko twicana tugaca tubishira ku Rwanda, maramarira hiyo, ikibazo nitwe Abarundi apana kuvyegeka k’U Rwanda

  • Abarundi ko mwirirwa mu matiku mukora ryari?

  • MKUMBUKWA SELEMANI

  • Ariko Abarundi Murabeneza Hakore Amategeko .

  • Vyosereka Dusengimana Kandidusabirigihugucacu Amahoro

  • BAREKE NTAWUREBA AHO NYINA ARYAMYE ABAYARENZE AKARINBI, TUZOBAMESA

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.