Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Sat-b yananiwe no kwihangana muri "Dunda na BujaFm2017"
Sat-b yananiwe no kwihangana muri "Dunda na BujaFm2017"
lundi 7 Myandagaro 2017, par
Ami Pro, umumenyeshamakuru wo kuri Buja Fm, ari mu bateguye igiteramo "Dunda na Buja na Fm 2017", avuga ko igiteramo cagenze neza ku bice mirongo icenda kw’ijana (90%). Ivyo bice icumi kw’ijana (10%) bitagenze neza, Ami Pro ati :"Nta nyambo ibura agahonzi". Ako gahonzi avuga ko kibonekeje mu gice gishira ica nyuma c’igiteramo aho Sat-b yurira ku ruhimbi kandi umu MC yari ahamagaye Bidondo. Ami Pro avuga ko Sat-b yananiwe no kwihangana kuko bari bamwemereye kumwongera umwanya urenga kuwo yari yahawe ubwa mbere.
Sat-b nawe avuga ko yababajwe n’akarenganyo yakorewe, akababazwa kandi n’uko batamuhaye agaciro imbere y’abakunzi biwe. Arongera kandi akidogera bamwe mu bamenyeshamakuru bashiramwo nkunzi mu kazi bajejwe, bagashira ubutandukane mu baririmvyi kandi bategerezwa gufatwa kumwe.

Sat-b avuga ko Fizzo atari guhabwa iminota irenga iyo yari yategekanirijwe igera kuri itandatu nk’abandi, ariko akaba yaririmvye iyirenga 30.
Kuri ico kibazo, Ami Pro yishura ko yaba Fizzo canke Sat-b bari bateguriwe kwongerwa umwanya. Fizzo rero yasavye ko yobandaniriza ko kugira ntagaruke, uriko kumara uwo mwanya wose, nk’uko bisigurwa n’abateguye ico giteramo.
Tubajije Sat-b igituma atari kurindira uwo mwanya ukwiye nawe akidagadura, atubwira ko yari afise urundi rubanza yategerezwa kujamwo igihe c’isaha imwe y’ijoro. Tumubajije igituma yurira ku ruhimbi kandi atariwe bahamagaye, yatwishuye ko yabonyeko umwanya uheze, ari nako kurondera ingene yosezera bakunzi biwe.
Tubibutse ko igiteramo kitabandanije kuko haciye haduka akajagari mu ruhande rw’abari mu giteramo katewe n’abakunzi ba Sat-B.
Cherif Nkeshimana
Messages
7 Myandagaro 2017, 12:01, par Fiston
ICO mbona nuko bari bavuze atavyo gusumbanisha aba star ariko vyabananiye nico gituma agashavuvkatobura kurico murakiye kwikebuka mukareka guterwa ubwoba numu star uwariwe wese
7 Myandagaro 2017, 23:06, par tp
yavyitwayemwo nabi muga Sat-B n’umu artiste akomeye gose ntivyumvikana ko batamuha agaciro
8 Myandagaro 2017, 18:44, par Clovis