Ihuriro mpuzamakungu ry’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu kw’isi, FIDH : Fédération internationale des ligues des droits de l’Homme) ryasohoye icegeranyo ku Burundi, aho iryo huriro rishikiriza ko abantu bagera ku gihumbi aribo bamaze kugandagurwa kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.
Muri ico cegeranyo ca FIDH, bamenyesha ko abandi bantu baharurwa mu bihumbi umunani aribo bapfunzwe bazira poritike, abagera ku majana umunani baburirwa irengero, hamwe n’abaharurwa mu bihumbi amaja atatu bahunze igihugu.

FIDH imenyesha muri ico cegeranyo ko yegeranije intahe z’abantu bahohotewe hamwe n’ababuze ababo kuva muri Ndamukiza 2015, hatanguye impari ku gusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, amatora yabayemwo impari, hamwe n’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi.
Ntacomvuze