IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gasekebuye : Abitwaje inkoho bivye ku rugo rwa Dieudonné HATUNGIMANA

Gasekebuye : Abitwaje inkoho bivye ku rugo rwa Dieudonné HATUNGIMANA

mardi 6 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo basuma bitwaje inkoho binjiye muri urwo rugo nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itanu, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, biba Terefone ngendanya zitandatu, impeta z’ubugeni zibiri, imashini mudasobwa (Ordinateur) imwe, amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi, hamwe n’amafaranga igihumbi n’amajana abiri y’amadorare.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko abo basuma bagiye kandi bivye muir urwo rugo imodoka ifise iparati ndangamuduga ya D 5753 A

Mu giporisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

JPEG - 60.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.