Gasekebuye : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yishwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 30 Munyonyo 2017 saa 10:12
Yasomwe :
0 0

Umuntu yitwaje Gerenade bivugwa ko ari abasuma yishwe arashwe n’abasirikare muri karitiye ya Gasekebuye, muri zone Musaga igisagara ca Bujumbura.

Uwo muntu yarashwe nk’igihe c’isaha icumi z’agatondo ko kuri uwu wa kane, amakuru dukura aho mu Gasekebuye akavuga ko yari ahejeje kwiba mu muhana iri aho mu Gasekebuye ari kumwe na bagenzi we batunzwe n’ayo bameze.

Abanyagihugu bo muri karitiye ya Gasekebuye bavuga ko bari bamaze iminsi bibwa mu mihana, abasuma bakaba batwara ivyo bahasanze vyose.

Nta minsi myinshi yari iheze hari umuryango utewe n’abasuma, bawiba imodoka hamwe n’amafaranga menshi. Abo basuma bafatiyeko inkoho abo muri uwo muryango, baca basiga bababoshe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha