Accueil > Amakuru > umutekano > Gasekebuye : Uwahora yiba intsinga za REGIDESO yafashwe
Gasekebuye : Uwahora yiba intsinga za REGIDESO yafashwe
vendredi 3 Munyonyo 2017, par
Uwo mugabo yafatiwe mu Gasekebuye, mu gisagara ca Bujumbura, nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, akaba yafashwe ariko arimba ahaca izo ntsinga z’ishirahamwe REGIDESO ridandaza amazi n’umuyagankuba mu Burundi.
Uwo yagirizwa ubwo busuma ari arumvirizwa kugira Dosiye yiwe ishikirizwe ubutungane.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yagrizwa ubusuma yafashwe kubera ugukora neza kw’abanyezamu bakorera hafi y’aho uwo musuma yariko arimba izo ntsinga za REGIDESO. Moise NKURUNZIZA, icegere c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ahamagarira n’abandi banyagihugu gukorera hamwe mu gutuza ubusuma.
Egide NDUWIMANA