Gatumba : Amacupa 48 ya Drosty yafashwe atekeye mu mufuko w’intore

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 janvier 2018 saa 05:22
Yasomwe :
0 0

Amacupa 48 y’inzoga z’injabuka zo mu bwoko bwa Drosty niyo yafashwe n’igiporisi kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero 2018, atekeye mu mufuko.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko izo nzoga zafatiwe mu Gatumba, Komine Mutimbuzi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko izo nzoga zafashwe nk’inzoga zari mu rudandazwa rwa magendu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha kandi ko hari imodoka yafatiwe mu rugo aho yari inyegejwe, muri quartier Buhomba, zone Maramvya kw’ibarabara rya 5.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo modoka ishobora kuba yibwe mu gisagara ca Bujumbura, kuwa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha