IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Imodoka yunguruza abantu yatewe n’abitwaje inkoho

Gatumba : Imodoka yunguruza abantu yatewe n’abitwaje inkoho

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bitwaje inkoho barashe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yunguruza abantu. Ico gitero kuri iyo modoka cabaye nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota 40, nk’uko abanyagihugu bo mu Gatumba babivuga.

Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bari abasuma bariko bagerageza kwibisha inkoho kuri abo bantu bariko biyunguruza muri iyo modoka.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko umuntu umwe ariwe yakomerekeye muri ico gitero.

Ayandi makuru ava mu Gatumba ahabereye ico gitero avuga ko hari umwe mu bari muri iyo modoka yishwe, uwundi muntu umwe aburirwa irengero.


IGIHE

Messages

  • Ndahojeje imiryango yahagiriye ivysgo. Izo mbonerakure zo mu Rukaramu zagize uwo mutego nizifatwe ariko ubutungane ni bwongera kuboneka intahe izozokera. Buruguri yabashinwa yaheze ubu zitanguye gusahura mu ma bus no kwiba inka! Zizopfa zangara nka Gahini

  • <<Mbe Uwo Yigira Wakera Yirirwa Atuka Imbonerakure Ninde! Ajejwe Iki? Kwivyabo Vyabasheshe Bibaza Ngo Nikuri Yatariki13/5/2015 Nibateshwe Bate Abo Nabo Birirwa Bategera Abantu Ninkoho Ngo Babambure Harigihe Ivyabo Bizoja Ahabona Ntibishinge Kwinyegeza Iyo Mugatumba Bazotire Akarembe Baze Muntara Ya Cibitoke Baraziko Bavuzeko Hari Imbonerakure Muri Kiriba Ondesi Muzobaze Barabavugutiye Umuti Ushimishieje Mucibitoke Nibareke Guta Akanwa Ntaho Bazokwigeza Imbwa Ishahurwa Irira Ariko Bakayishahura! Kandi Umwana Wisema Aririra Kurabaho Nyina Aryama Aho Mbariye Wakera Nabo Basangiye Ivyiyumviro Nkivyo Vyubupfu>>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.