Accueil > Amakuru > umutekano > Général-major Jérémie Ntiranyibagira n’abandi batatu barongoye umuhari FPB (...)
Général-major Jérémie Ntiranyibagira n’abandi batatu barongoye umuhari FPB bafashwe
lundi 23 Gitugutu 2017, par
Abandi babiri bafatanwe n’izo ndongozi za FPB yahoze ari FOREBU ni Libère Nzeyimana batazira Mahopa, hamwe Liberata wo mu buserukizi bw’uwo muhari mu gihugu ca Tanzaniya. Nk’uko vyemezwa n’umuhari FPB, izo ndongozi zine zafatiwe i Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, ku ruhande rw’intara ya Muyinga.
- Général-major Jérémie Ntiranyibagira umukuru w’umuhari FPB wahora witwa FOREBU
Amakuru atangwa n’uwo muhari avuga ko abo bantu bafashwe n’igendereza rya Tanzaniya ryakoranye n’igendereza ry’Uburundi. Ayo makuru abandanya avuga ko Général-major Jérémie Ntiranyibagira umukuru w’uwo muhari, Lieutenant-Colonel Édouard Nshimirimana icegera ciwe, hamwe n’abo bandi babiri barungitswe mu Burundi, bikavugwa ko boba bashikirijwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana uwutwara igendereza i Muyinga.
- Lieutenant-Colonel Édouard Nshimirimana icegera c’umukuru wa FPB
Ayandi makuru atangwa n’abegereye uburongozi bw’umuhari FPB amenyesha ko abo bafashwe bari basigaye batumvikana n’umushingamateka Hussein RADJABU yoba arondera uburongozi bwa FPB bufiswe na Général-major Jérémie Ntiranyibagira. Ayo makuru abandanya avuga ko mw’ifatwa ry’abo bantu hoba harimwo uruhara rwa Hussein RADJABU.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, asanzwe ariwe avugira n’igendereza ry’Uburundi ntiyemeza, kandi ntahakana ayo makuru. Petero NKURIKIYE avuga ko ivyabereye ku butaka bwa Tanzaniya vyobazwa indongozi z’ico gihugu.

Egide NDUWIMANA
Messages
23 Gitugutu 2017, 11:20, par hhh
aba barabakanda amavya kugeza bavuze abo bakorana aho bari bose.
23 Gitugutu 2017, 11:36, par mvuzi jonas
Ko bafashwe nta kundi bisigura ko hashobora kuba harimwo abo bahora bagendana kandi bagenzanya. Gusa nimba bamaze gushikirizwa inzego z’umutekano z’Uburundi amategeko mpuzamakungu niyubahirizwe bakingirwe hanyuma bashikirizwe ubutungane.Nayo kubica vyovyo ko vyamaze kumenyekana twizere ko batakwa ubuzima na kare amategeko y’Uburundi ntiyemera igihano co gupfa.
23 Gitugutu 2017, 12:08, par Mahoro
Ubumwe nyakuri bw,abahutu n ,abatutsi Oye,oye,oye.
23 Gitugutu 2017, 15:21, par Hicuburundi
Mchezo wa Ndani,nta nyeshamba yo hirahira guteramira i Ngara,mu metero 100 z’umupaka w’u Burundi, ivyo turabimenyereye ni agakino ka Peter
24 Gitugutu 2017, 13:31, par désiré nimbona
uwuzowatsa uzotangurira mucumba iwe wimukire awusangire n’umugore wiwe n’abana biwe n’imbeba zo munzu iwe uzimirizwe munzu iwe utarasosohoka.Vive le Burundi.Tanzanie si kwakagome!!!!!
25 Gitugutu 2017, 12:43, par Nzovu
@ Nimbona
Iyo uzana u Rwanda muri uwo mwanda wanyu uba ufite ubwenge? Nakazi kanyu ni mumarane rwose. Niba muri abagabo se muzawatse tubereke uko tuwuzimya mu masaha 24.