Gerard Pique agiye gutangura ivyigwa ku rwego rwa Master

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 Rusama 2017 saa 08:44
Yasomwe : 8712
0 0

Umukinyi w’inyuma mu murwi wa FC Barcelone Gerard Piqué, agiye gutangura kwiga ibijanye n’ubutunzi mu gice ca gatatu muri kaminuza y’i Havard mu gihugu c’Ubwongereza.

Gerard Piqué Bernabéu asanzwe yize ibijanye n’ubudandaji, kumenyesha amakuru,inkino no kwiryohera.

Ikinyamakuru El Mundo Deportivo camenyesheje ko kuva bahejeje gukina urukino rwa nyuma c’igikombe c’umwami mu gihugu ca Espagne, Gerard Pique atasubiye mu gisagara ca Barcelone,kuko yaciye aja kwitegurira urugendo rumushikana i Bston gutangura amashuri yo ku rwego rwa Master.

Aya makuru yemejwe na Gerard Pique mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru El Mundo Deportivo .Gerard Pique yanamenyesheje ko ashobora kutaraba urukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions ruzohuza umurwi wa Juventus na Real Madrid kuko azoba ari mw’ishuri.

Ku bijanye nimba Gerard Pique ashobora kuba umuyobozi wa FC Barcelone nka sekuru wiwe inyuma y’ivyigwa,yavuze ko ivyo atarabimenya kandi ko hakiri kare kugira avyemeze canke abihakane.

Gerard Piqué arubatse afise umugore w’umuririmvyi Shakira n’abana babiri Milan na Sasha Piqué Mebarak.Gerard Pique yamenyanye na Shakira mu mwaka wa 2010,igihe haba ihiganwa ry’igikombe c’isi cabereye mu gihugu ca Afrika y’Epfo


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha