Gerenade imwe yatewe mu kibanza gishikiramwo imodoka zinini zinini

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 février 2018 saa 08:44
Yasomwe : 8991
0 0

Ibiyo vy’imodoka vyarononekaye bivuye kuri gerenade yatewe mu kibanza citwa Gare routiere hafi y’ubunywero La pirogue buri mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ata muntu yakomeretse canke ngo yitabe Imana.

Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota 20 mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko abantu 20 bose bari muri ico kibanza igihe iyo gerenade yaturika, bagizwe ahanini n’abadandaza umubiri baciye bahagarikwa.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko uwateye iyo gerenade ataramenyekana, ariko ko amatohoza yatanguye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha