Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Gihanga : Ikiziga c’umugabo catowe mu murima w’ibikaju vya TBC
Yanditswe taliki ya 15-02-2017 - isaha 07:43' na IGIHE

Umugabo azwi kw’izina rya Gérard NTAKAZOHERA yahora arara izamu mu bikaju bikorwamwo isukari mw’ishirahamwe Tanganyika Business Company yaratowe ikiziga kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amakuru ava i Gihanga mu ntara ya Bubanza ahatowe ico kiziga amenyesha ko Gérard NTAKAZOHERA yatowe hagati y’ibarabara rya 8 nirya 9 yaciwe amatwi, amaguru n’amaboko biboshe.

Abahora bakorana n’umuhisi Gérard NTAKAZOHERA bavuga ko yari yazimiye kuva kuw’Imana igenekerezo rya 12 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,kandi ko abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana.

Mwomenya ko iyo mirima y’ibikaju yatowemwo ico kiziga, ari naho yari asanzwe ararira ari iyo umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA.

Ivyiyumviro vyanyu

Mana Tabar Abaw.Mb Ububwicany Buzohezwa Nand ?Imana Itabar Uburundi

18.02.2017 à 20:09
Lévis

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.