IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umukuru w’Imbonerakure yaburiwe irengero

Gihanga : Umukuru w’Imbonerakure yaburiwe irengero

mardi 13 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’i Gihanga avuga ko Pasteur HAKIZIMANA yanyurujwe n’abantu bataramenyekana ku munsi wa kane, bamusanze aho ari aho i Gihanga, bamutegeka kwurira mu modoka ifise iyo bitabonerana.

Ayo makuru y’inyuruzwa ry’umukuru w’Imbonerakure i Gihanga aremmezwa n’uwutwara umugambwe ku rwego rw’intara ya Bubanza.

Umuryango wa Pasteur HAKIZIMANA umenyesha ko kuva kuri uwo munsi wa kane afashwe akajanwa mu kibanza kitaramenyekana, terefone ngendanwa yiwe yaciye izima, bakaba batarashobora kuvugana nawe canke kumenya aho ari.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.