IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Abanyororo batanu bakomerekejwe na bagenzi babo

Gitega : Abanyororo batanu bakomerekejwe na bagenzi babo

mercredi 19 Mukakaro 2017

Amakuru ava mw’ibohero rya Gitega amenyesha ko nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuri uwu wa kabiri, ariho hatangura kwumvikana urwamo rw’impande zibiri zari zihanganye mw’ibohero rya Gitega.

Ayo makuru nyene amenyesha ko urwo rwamo rwoba rwavuye ku munyororo umwe asanzwe aronka uruhusha rwo gusohoka ibohero, yasohotse mu masaha y’umutaga aca yinjira mw’ijoro yanyoye inzoga, kandi aborewe, ari nayo ishobora kuba yabaye inyanduruko yo gushwana na bagenzi we.

Umwe mu begereye ibohero rikuru rya Gitega, amenyesha ko mu nyuma impande zibiri zari zihanganye zaciye zitangura guterana amabuye, batanu mu banyororo barakomereka, harimwo babiri bababaye cane.

Ayo makuru ava mw’ibohero akamenyesha ko ibintu vyasubiye mu buryo inyuma y’ingingo zo gukomeza umutekano zafashwe n’abaserukira abandi muri iryo bohero rikuru rya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.