IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Gahera : Umuntu umwe yaritavye Imana aguweko n’inzu

Gitega-Gahera : Umuntu umwe yaritavye Imana aguweko n’inzu

vendredi 27 avril 2018

Amakuru ava aho ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, amenyesha ko uwo yitavye Imana yari azwi kw’izina rya Emmanuel, yari asanzwe aba aho muri quartier Gahera, ku birometero nka bibiri uva ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko Emmanuel yaguweko n’inzu, aca atera yitaba Imana, umukenyezi wiwe nawe aca ajanwa kwa muganga.

Ayo makuru aremezwa n’abajejwe intwaro muri quartier Gahera, bakemeza ko ata gikozwe mu bijanye no gutunganya ibisagara, n’ayandi mazu ashobora guhitana abantu, kuko muri ako gace inzu zubatswe ata tegeko na rimwe rikurikijwe.

’’Abajejwe intwaro bakwiye gukurikirana uko ibisagara bitunganywa’’

Umushingamateka Thérence MANIRAMBONA yatowe mu ntara ya Gitega, avuga ko bibabaje kuba hari abanyagihugu batakaza ubuzima kubera impanuka nk’izo, akavuga ko abajejwe intwaro aribo bategerezwa gukurikirana itunganywa ry’ibisagara kuko biboneka ko izo mpanuka ziva ahanini ingene ibisagara bitunganijwe.

JPEG - 105.1 ko
Umushingamateka Thérence MANIRAMBONA, yatowe mu ntara ya Gitega

Uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega, asaba abegereye ahabereye iryo sanganya gufasha abasigaye, kuko bisanzwe biri no mu mico y’abarundi.

Umushingamateka Thérence MANIRAMBONA agashima ariko ko, ahri igisata cashizwe mu bushikiranganji bw’umutekano kijejwe gukinga impanuka, akizera ko kizofasha mu gukinga ibijanye n’ibiza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.