Gitega : Ibiziga bibiri vyatowe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 Nyakanga 2017 saa 08:38
Yasomwe : 19584
0 0

Ibiziga bibiri vyatowe kuri uwu wa kane mu ntara ya Gitega. Kimwe muri ivyo biziga ni ic’umugabo, ikindi kikaba ic’umugore, vyompi bikaba vyatowe mu bibanza bitandukanye. Mu giporisi bemeza ko amatohoza yatanguye.

Ico kiziga ca mbere c’umugabo bivugwa ko urupfu rwiwe rwoba rufitaniye isano n’ubupfumu, kuko yari yambaye ibiheko, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bamubonye.

Ikiziga ca kabiri catowe mu ntara ya Gitega ni ic’umugore basanze amanitse ku mugozi mu nzu yahora abanamwo n’umugabo wiwe. Uwo mugabo yafashwe ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi mu ntara ya Gitega babimenyesha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha