Gitega : Ivyari mu nzu y’umuvugizi w’umugambwe MSD vyibwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 août 2017 saa 05:05
Yasomwe : 8649
1 0

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko ibintu vyari mu nzu yiwe iri ku mutumba Magarama-Place mu ntara na komine Gitega vyibwe kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Myandagaro 2017,inyuma yo kubomora.

Umuvugizi w’umugambwe MSD avuga ko vyose vyatanguwe n’ibikorwa vyo gutera ubwoba vyakozwe n’uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure ku mutumba wa Magarama-Place ku bari basanzwe baba muri iyo nzu, ababwira ko batavuyeyo bazokwibonerako.

Nk’uko umuvugizi w’umugambwe MSD abandanya abimenyesha, abahaba bamaze kwimuka hahavuye haza uwundi ahaba, uwo nawe niwe baravye atariho ari baca barinjira batora ibintu vyari mu nzu.

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD avuga ko yituye Buramatari w’intara ya Gitega kugira amubaze ko hari ico yofasha ariko inyishu yamwishuye atari inyishu zihumuriza.

Umuvugizi w’umugambwe MSD akavuga ko bibabaje kubona ibintu vy’abarundi bahunze bibandanya kwononwa, kandi muri Reta bagumye bashikiriza ko ibintu vy’abantu bahunze bikingiwe.


Kumenyekanisha

1
BANZUBAZE 5-08-2017 à 21:06

SIWE BAZOBA BIVYE WENYENE NAJEWE BARANYIVYE NDIHANGANA NAMA COPEC BARAYIVYE ARAHORA NAPARUWASE YACU BARAYIVYE TURIHANGANA NAWE NIWIGUMYE

2
nsengiyumva jah_love 4-08-2017 à 22:05

oya nakamaramaza aho umuntu yimbwa atari ari ihangane muta

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha