IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Gitega-Rutana:Abantu babiri baritavye Imana bakubiswe n’inkuba

Gitega-Rutana:Abantu babiri baritavye Imana bakubiswe n’inkuba

Monday 22 January 2018

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko umunkenyezi wa mbere yitavye Imana azwi kw’izina rya NIYONZIMA Berthe, wo ku mutumba Murambi, komine Nyarusange, intara ya Gitega, yitavye Imana akubiswe n’inkuba aca yitaba Imana ubwo nyene.

Ahandi inkuba yahitanye ubuzima bw’umuntu ni, ku mutumba Nyamure, zone Gitaba, komine n’intara ya Rutana, aho abantu bane bakubiswe n’inkuba, umwe aca yitaba Imana, mu gihe abandi batatu bakomeretse.

Mu ntara ya Mwaro, ku mutumba Kinyovu, komine Rusaka, inka indwi hamwe n’intama zitatu zarakubiswe n’inkuba, abanyagihugu baho bakavuga ko ari uruhombo runini kuko ibitungwa biri mu gayri bibatunze.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.