Gitega : Umugabo yagirizwa ubusuma yishwe n’abaporisi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Nyakanga 2017 saa 08:41
Yasomwe : 8370
0 0

Umuntu umwe yishwe arashwe n’abaporisi mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, mu ntara ya Gitega. Uwo muntu yishwe yagirizwa ubusuma, nk’uko abari hafi y’aho vyabereye babivuga.

Uwo yishwe azwi kw’izina rya Musa NDAYARINZE, akaba yarasiwe hafi y’inzu y’ubunywero, muri karitiye ya Musinzira iri mu ntara ya Gitega.

Abegereye aho vyabereye bemeza ko uwo mugabo yariko agerageza kwiba umudandaza yari yategereye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, aca araswa n’abaporisi bari begereye muri ico kibanza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha