Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umugabo yishe umugore wiwe akoresheje ishoka
Gitega : Umugabo yishe umugore wiwe akoresheje ishoka
lundi 19 février 2018
Amakuru ava aho I Gishubi amenyesha ko wiwe IRANKUNDA Innocent yatemye umugore wiwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aca atera yitaba Imana uwo mwanya nyene.
Ayo makuru nyene,atangwa n’ababanyi biwe amenyesha ko uwo IRADUKUNDA Innocent yari asanzwe ari umusuma karuhariwe, akaba kandi yihereza ibiyayuramutwe.
Kuva mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018, uwo mugabo ari mu minwe y’inyamiramabi, akaba ariko akorerwa dosiye kugira ace ashikirizwa ubutungane, mu rubanza rw’ikibiriraho.

Gushika ubu icatumye uwo mugabo yahoze mu gisirikare yica umukenyezi wiwe, ntikiramenyekana.

MUGISHA Van Naris
Messages
19 février 2018, 21:21, par NKURUNZIZA CHARLES
UWO MUGABO YISHE UMUGORE WIWE NAHANWE CANE HAMA IMANA IHINDURE ABARUNDI UMUTIMA WO KWICANA MURAKOZE
21 février 2018, 07:01, par Japro
Asha Jew Nkahamw Ngiy Kubutegets ! Umunt Wese Yokwica Uwundi Ibigira Nkana Naw Nyen Yoca Yicw ! Wumva Atar Akambaro Kibara !!
22 février 2018, 22:20, par HABOGORIMANA DIOMEDI
Jewe icompa umugore noshima sinomugirira nabi.uwamwishe nawe ntabwenge afise.murakoze.