IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umuntu umwe yapfuye arashwe n’abasirikare

Gitega : Umuntu umwe yapfuye arashwe n’abasirikare

lundi 26 février 2018

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, akaba yarashwe n’abasirikare babiri NDABAHAGAMYE Janvier na UWIMBABAZI Jonas,bakorera ku kirindiro co ku Mutoyi, igihe c’isaha umunani z’ijoro, mu bunywero buri ahitwa kw’i Jabe.

Pierre NKURIKIYE, avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, abo basirikare bamurashwe amasase 15 bakoresheje inkoho zibiri, bari basanzwe bakoresha mu kazi kabo ka minsi yose.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko igiporisi cashitse ahabereye ubwo bwicanyi, abo basirikare nabo bakaba bamaze gufatwa, naho icatumye barasa NGENZI Evariste kitaramenyekana.

Ikiziga c’umuhisi NGENZI Evariste kikaba kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyo ku Mutoyi, nayo abo basirikare bakaba bamaze kujanwa muri parike, kugira bacirirwe urubanza rw’ikibiriraho.

JPEG - 129.2 ko
Abasirikare babiri barashe umuntu mu Mutoyi

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.