Gitega : Umutama w’imyaka 100 yishwe aciwe umutwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 12:09
Yasomwe : 9126
0 0

GAHUNGU Daniel, umudandaza w’imyaka 100 y’amavuka yishwe aciwe umutwe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 10 Nyakanga 2017. Ikiziga ciwe catowe mu nzu yahora abamwo ku musozi Bihanga, komine Gitega, intara ya Gitega nyene.

Ababanyi b’uwo mutama yagandaguwe bavyutse kuri uwu w’Imana basanga igihome c’inzu yiwe cabomowe, binjiye kuraba basanga uwo mutama yahora yibana wenyene yishwe n’abantu bataramenyekana bamuciye umutwe.

Abo babanyi b’uwo yishwe bikeka ko boba ari abasuma babikoze, kuko uwo mutama yari umudandaza.


Kumenyekanisha

1
Kommera 14-09-2017 à 02:55

Nizambonerakure zamukereye zimuronderako amafaranga.

2
Jean Claude 11-09-2017 à 14:04

Kwibana mu nzu yawenyene sivyiza.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha