Gitega : Umwigisha kuri Lycee Nkondo yahagaritswe na parike

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 janvier 2018 saa 09:24
17115
0 0

Umwigisha kw’ishuri ryisumbuye rya Nkondo, riri muri Zone Nyarusange, Komine Nyarusange,intara ya Gitega, ari mu minwe y’igiporisi kuva inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Nzero 2018.

Uwo yahagaritswe azwi kw’izina rya NIBITANGA Donatien, yahagaritswe na parike mu ntara ya Gitega, mu rukurikirane rw’urubanza rw’urupfu rw’umutama azwi kw’izina rya BUKOBERO Jacques, mu kwezi kwa gatatu 2017.

Abo mu muryango wiwe bavuga ko bafise amakenga kw’ihagarikwa ry’uwabo, kuko abapfunzwe bagirizwa urwo rupfu bari bamaze kwumvirizwa , kandi urubanza rwabo rukaba rwari rwitezwe gusomwa vuba, bafise n’icizere co kurekurwa.

Uwo mutama BUKOBERO Jacques yishwe atewe gerenade n’abantu bamusanze muhira iwe kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku musozi Gasenyi, komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha