Gitega : Uwahora yunguruza abantu n’ipikipiki yatowe yishwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 octobre 2017 saa 11:59
12690
0 0

Ikiziga ca NIYONKURU Faustin avuka k’umutumba Jimbi, uri muri komine n’intara ya Gitega , akaba yahora akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki caratowe k’umugoroba wo kur’uno wa mbere igenekerezo rya 30 Gitugutu 2017 ku mutumba wa Nyabututsi uri mu ntara na Komine Gitega.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko NIYONKURU Faustin yari yaburiwe irengero kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017 n’imoto yari asanzwe akoresha y’inimero y’imparati A 5113.

Ayo makuru nyene amenyesha ko NIYONKURU Faustin ashobora kuba yishwe n’abasuma imbere y’uko bamutwara ipikipiki.

Ikiziga ca NIYONKURU Faustin caciye gishingurwa mu kibanza catowemwo kuko cari kimaze kwononekara.

Mwomenya ko ipikipiki yari asanzwe akoresha itarafatwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha