Hussein RADJABU avugwa mu cegeranyo c’abariko bategura gutera Uburundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 Myandagaro 2017 saa 10:17
Yasomwe : 90234
0 0

Abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bavuga ko muri ico gihugu hibonekeza Abarundi batavuga rumwe n’ubutegetsi bariko bitegurira gutera Uburundi. Icegeranyo c’abo bahinga kivuga ko ibiro vya poritike vy’umwe muri iyo mirwi birongowe na Hussein Radjabu aheruka gutoroka ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yigeze kuba umukuru w’umugambwe CNDD FDD.

Nk’uko biri muri ico cegeranyo c’abahinga ba ONU bakorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abo barwanyi bagizwe n’imirwi itatu yatanguye kwibonekeza mu mwaka w’2015, inyuma y’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Iyo murwi ni FNL ya General Aloys NZABAMPEMA, RED TABARA izwi kandi nka FRONABU TABARA, hamwe na FOREBU.

Ico cegeranyo kivuga ko muri iyo mirwi yose iriko yitegurira gutera Uburundi, abakomeye cane kurusha abandi ari abarwanyi ba FOREBU barongowe n’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi izwi kw’izina rya Colonel Edouard NSHIMIRIMANA yatorotse igisirikare c’Uburundi.

Iyo ntwazangabo irongoye muri uwo murwi abasirikare batorotse hamwe n’impunzi zinjijwe muri uwo murwi urwana. Ibiro vya poritike vy’uwo murwi wa FOREBU birongowe na Hussein Radjabu, nk’uko biri muri ico cegeranyo ca ONU.

JPEG - 106.6 ko
Hussein RADJABU yigeze kuba umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Mu ntumbero y’ukuburizamwo imyiteguro y’iyo mirwi irondera gutera Uburundi, abahinga ba ONU bavuga ko abasirikare b’Uburundi batanga ibirwanisho ku banyagihugu bo muri Congo mu turere tw’ikiyaya ca Rusizi.

Uburundi bukaba bubikora kugira abo banyagihugu bo muri Congo bafashe kurwanya iyo mirwi ishobora gutera Uburundi, nk’uko bibandanya bivugwa muri ico cegeranyo c’abahinga ba ONU.


Kumenyekanisha

1
mfatukobiri 23-08-2017 à 23:56

babireke kugwana ntaco bimaze

2
diendele 16-08-2017 à 20:30

c est son droit de faire la guerre lais il faut qu ilsoit suffusamment outillee pr affronter la FDN

3
Itangishaka 16-08-2017 à 18:02

burya Imana Niyonkuru!! Nugukomeza Gusenga.

4
eric 16-08-2017 à 16:31

ONU izi vyinshi.Turagowe koko nimba ONU ishobora kubibona ikanuma ibazi.NUKUVUGA KO ARIYO IBITEGURA?!!!!!!!!!!

5
mani 16-08-2017 à 12:45

Abagwana nibagwane nzororera ico nobasaba bazokwubahiriz abanyagihugu

6
sinzinkayo pual 15-08-2017 à 22:59
7
Jone 15-08-2017 à 19:15

narekereho,kwiyamvya,ntantambwe,azotera,

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha