IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibirwanisho bitandukanye vyarobwe mu ruzi Gikoma

Ibirwanisho bitandukanye vyarobwe mu ruzi Gikoma

samedi 5 mai 2018

Amakuru ava mu begereye aho ku ruzi Gikoma, amenyesha ko ivyo birwanisho bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa FAL, gerenade 4, ibikono vy’amasasu 17, hamwe n’amasase 46.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abaporisi bajejwe umutekano wo mw’ibarabara bari bagiye mu kazi kabo ka minsi yose kw’ibarabara riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara ya Bubanza, baca babona umufuko ureremba ku mazi, baca barawuroba, ariko gusangamwo ivyo birwanisho.

Gushika ubu, baba abanyagihugu bo ngaho hafi y’uruzi Gikoma canke abajejwe umutekano, ntawuramenya iyo ivyo birwanisho vyaje bizanana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.