Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitari bike vyarahindutse mw’ituganywa ry’isabukuru Pamoja Festival (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ibitari bike vyarahindutse mw’ituganywa ry’isabukuru Pamoja Festival (...)

Ibitari bike vyarahindutse mw’ituganywa ry’isabukuru Pamoja Festival 2017

lundi 24 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, kuri Karera Beach, niho isabakuru Pamoja Festival izobica bigacika mw’isabukuru y’indirimbo n’abaririmvyi n’abatamvyi b’inzobere mu guhimbaza no gutazira Imana. Abazoremesha iyo sabukuru batowe mu baririmvyi batazira Imana bamaze kwandikisha amazina y’abo mu gisata ca "Gospel", n’abariko baduga muri Gospel.

Hugues Safari ajejwe gutanga amakuru muri iryo sabukuru, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko iryo sabukuru ari ihuriro rw’urwaruka. Ari naco gituma ryama riba mu ci canke mu gihe c’uburuhuko. Avuga kandi ko Pamoja Festival ari akaryo keza ko guhuza abaririmvyi, abahinyanyuzi hamwe n’abakunzi babo. Ivyo abivuga afatiye ku civugo c’uno mwaka : "Umunezero Ntangere mu rukundo n’umunezero bitangwa n’umuziki."

JPEG - 92.8 ko
Hugues Safari ajejwe gutanga amakuru mw’isabukuru PAMOJA Festival

Nk’uko Hugues abandanya abivuga, Pamoja Festival y’uno mwaka yazanye impinduka : Abaririmvyi bavuye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’abandi bo mu mihingo itandukanye yo muri Afrika bazoba bahishikiye. Aha turavuga nka Holy Keane Amooti wo muri Uganda, hamwe na Ester Chungu muri Zambia.

Abariko bategura Pamoja Festival basaba amashirahamwe y’abikorera ivyabo ko yoza arafasha muri ivyo bikorwa vy’urwaruka kandi bitanga ishusho nziza y’Uburundi.

Tubibutse ko Pamoja Festival Édition 2017 izobera kuri Karera Beach, kwinjira ni amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000fbu) hamwe n’ibihumbi icumi (10.000) mu bwugamo bw’iteka. Ikindi twobibutsa n’uko hariko haba n’amatora y’abaririmvyi, imirwi y’abaririmvyi canke abatamvyi bazohabwa ubushimwe kuri uwo munsi. Amatike ariko adandazwa mu bibanza bitandukanye harimwo n’amazu y’ubudandaji ya Econet Leo.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.