IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Icegeranyo ca LIGUE ITEKA kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu

Icegeranyo ca LIGUE ITEKA kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu

mercredi 18 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’ishirahamwe LIGUE ITEKA co kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 15 Nzero 2017 kivuga ko agateka ka muntu kahohotewe, aho abantu baharurwa muri 10 bagandaguwe, babiri baborezwa igufa, batatu baburirwa irengero, nayo abaharurwa muri 97 barahagarikwa n’igiporisi gifashanije n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, nk’uko bishikirizwa na LIGUE ITEKA.

Muri ico cegeranyo c’indwi imwe, bavuga ko abantu bagera kuri batatu aribo batowe ibiziga, hamwe n’ikinogo gihambwemwo abantu benshi catowe muri komine Rusaka, intara ya Mwaro.

Ishirahamwe LIGUE ITEKA rimenyesha muri ico cegeranyo ko ibinogo rusangi bibandanya gutorwa mu gihugu, ariko ko ubutegetsi ataco bukora kugira hakorwe ibipimo abahambwe muri ivyo binogo bamenyekane, n’ukuri kubabishe kuje ahabona.

Muri abo bahagarikwa, muri LIGUE ITEKA bavuga ko benshi muribo aba ari abatavuga rumwe n’ubutegetsi, iryo shirahamwe rikagiriza ubutungane ko bwabaye igikoresho.


IGIHE

Messages

  • Jewe ejobundi numvise ngo Legue Iteka ngoyahagaritswe ncavuga ngo bayihoyikigayemwe?
    Uburero ndatahuye icatumye ihagarikwa kuko nezaneza urevye ivyivuga ni Sinahead ukwije ibisabwa vyose!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.