Icegeranyo ca SOS-Torture cagarutse ku Mbonerakure zo ku Musaga zaburiwe irengero

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 Ruheshi 2017 saa 09:21
Yasomwe : 19683
0 0

Icegeranyo ca SOS-Torture Burundi co kuva kw’igenekerezo rya 27 Rusama gushika kurya 3 Ruheshi 2017 kivuga abantu batandatu bishwe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Muri abo bagandaguwe, SOS-Torture ivugamwo abanywanyi babiri b’umugambwe MSD bishwe inyuma y’ukwezi bari bamaze bapfungiwe mu nzu itari agasho.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abandi bantu bagera kuri cumi aribo bahagaritswe muri ico kiringo, batanu muribo bakaba bafatiwe muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura.

Iryo shirahamwe ryagarutse kandi ku Mbonerakure zibiri z’umugambwe CNDD FDD zaburiwe irengero muri zone ya Musaga. Kubwa SOS-Torture, iryo burirwa irengero ry’abo banywanyi ba CNDD FDD rifitaniye isano n’ukuzimanganya ivyagiriji hamwe n’ivyabona vy’amabi yakozwe.


Kumenyekanisha

1
ukuli 5-06-2017 à 17:15

ariko iyo sos aho siyo inyuruza ikanica abanyagihugu kugira ibone rapport iha abazungu bayikoresha ngo ironke amahera, ese guvernement y u burundi muyigombako ici ko yabatsinze mu mpane zose, reka ihinyanyure ibwiriza shingiro murabe ko harico mubikoraho, bujya president aba ari president kuko aba yarabishitseho aciye muri vyinshi cane mumwubahe rero mumusabe icigongwe kuko utwo abazungu babahendesha nibabahaga tuzashira babatwenge bo barishikiye ku nyungu zabo kera

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha