Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi cahagaritse uwahora yiba abeshe ko ashobora gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cahagaritse uwahora yiba abeshe ko ashobora gutanga (...)

Igiporisi cahagaritse uwahora yiba abeshe ko ashobora gutanga akazi

mardi 28 Ruhuhuma 2017

Igipolisi c’Uburundi carerekanye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, umugabo yiba abantu abanje kubabesha ko ashobora kubaha akazi mu mashirahamwe ategamiye Reta.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Moïse NKURUNZIZA yavuze ko Salvator BUREGEYA yabesha abantu ko ashobora kubaha akazi, agaca abasaba imashini nyabwonko (Ordinateur) ababwira ko abashiriramwo uburyo bwo gukoresha mu kazi agaca ahunga ayitwaye.

Moïse NKURUNZIZA amenyesha ko ubusuma nk’ubwo bubandanya kwiyongera kandi ko bugeze ku rugero runini gushika naho hari abicwa biciye muri ubwo buryo.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Moïse NKURUNZIZA asaba abamaze kwibwa muri ubwo buryo gushika ahakorera igiporisi c’inyamiramabi kugira babimenyeshe hanyuma ivyabo bikurikiranwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.