Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cahagaritse uwahora yiba abeshe ko ashobora gutanga (...)
Igiporisi cahagaritse uwahora yiba abeshe ko ashobora gutanga akazi
mardi 28 Ruhuhuma 2017
Igipolisi c’Uburundi carerekanye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, umugabo yiba abantu abanje kubabesha ko ashobora kubaha akazi mu mashirahamwe ategamiye Reta.
Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Moïse NKURUNZIZA yavuze ko Salvator BUREGEYA yabesha abantu ko ashobora kubaha akazi, agaca abasaba imashini nyabwonko (Ordinateur) ababwira ko abashiriramwo uburyo bwo gukoresha mu kazi agaca ahunga ayitwaye.

Moïse NKURUNZIZA amenyesha ko ubusuma nk’ubwo bubandanya kwiyongera kandi ko bugeze ku rugero runini gushika naho hari abicwa biciye muri ubwo buryo.
Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Moïse NKURUNZIZA asaba abamaze kwibwa muri ubwo buryo gushika ahakorera igiporisi c’inyamiramabi kugira babimenyeshe hanyuma ivyabo bikurikiranwe.
IGIHE
Messages
28 Ruhuhuma 2017, 09:30, par Jean Bosco Nduwimana
Uyumugabo Narinaramubariye Ko Adahevye Kwiba Abantu Azobona Ivyago Bisumba Ivyoyahoramwo None Ehe Raba Biramushitseko.Intabarirwa Ibarirwa Nuko Amaso Atukuye.
28 Ruhuhuma 2017, 12:09, par Mwumba
Iyo n’Imbonerakure,murahenda abandi,akari inyuma karahinda
28 Ruhuhuma 2017, 13:02, par paul
uwomugabo yiba<<nukuri leta yuburundi ryimba ihana nimumuhane cane,kandi nabobikorana mubarondere bafatwe bashengezwe.>>
2 Ntwarante 2017, 10:16, par cawo
Nibabahashe nyene mugabo biterwa na crise igihugu kirimwo
3 Ntwarante 2017, 14:11, par jeremie MUGENZI
Ntakundi Niyihangane.
4 Ntwarante 2017, 09:19, par Pecoss Patrick
nibamuhane hisunzwe amategeko, nabandi babeshi nkabo baronderwe mpaka batujijwe