Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abagabo bane bibisha uruyeri
Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abagabo bane bibisha uruyeri
mardi 9 janvier 2018
Abo bahagaritswe n’igiporisi c’Uburundi ni uwitwa HAMISI Mulondjwa,Alexis Saleh,SIMBA Simu hamwe na Ibrahim Israel.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bibisha uruyeri bahenda abantu ko batanze amafaranga baca babafasha kuronka impapuro zibaha uburenganzira bwo kuja kuba mu gihugu ca Australie.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi avuga ko abantu bashika 70 aribo bari bamaze kwibwa mur’ubwo buryo umwe umwe wese akaba yatangishwa amadorare y’abanyamerika ashika 165.

Pierre NKURIKIYE avuga kandi ,ko abo bibisha urwenge bahenda abantu ko bakora mw’ishirahamwe rifasha abahohotewe bishingiye kugitsina ryitwa AVVC (Association de Victimes de Violences de la Republique Democratique du Congo),bakabesha bavuga ko rikorana n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira IOM hamwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi n’abahungutse mu Burundi ONAPRA
BIKORIMANA Vianney