Igiporisi c’Uburundi cashikirije ivyavuye mu gikorwa ca EAPCCO na SARPCCO

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 16 Gitugutu 2017 saa 04:54
Yasomwe : 13068
0 0

Umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko mu bikorwa vy’ubugenduzi vyakozwe mu misi ibiri, basanze hakozwe ivyaha ndengambibe bigizwe n’ugukora,, kudandaza no kunywa ibiyayuramutwe, kudandaza abantu no kwinjira mu bindi bihugu mu mpisho, urudandazwa rw’ibigwanisho bito bito bicira umuriro bidaciye mu mategeko, urudandazwa rw’amabuye y’agaciro rutemewe n’amategeko, ubusuma bw’intsinga z’amatara, iterabwoba hamwe n’inkozi z’ikibi zihishahisha mu bindi bihugu.

Ku ruhande ry’Uburundi Umugenduzi mkuru w’igiporisi c’Uburundi, André NDAYAMBAJE amenyesha ko ico gikorwa co kurwanya ubwo bubisha cakozwe mu gihugu cose mu kiringo c’imisi 2, arongera akanashikiriza ivyashitsweko, nk’ibiro mirongo umunani n’indwi (87) vy’urumogi rwa Cannabis vyafashwe, umurima w’urumogi waturiwe, igarama 1.6 za cocaïne.

Abantu 24 nabo nibo bafashwe badandaza canke banywa urumugi harimwo umupfasoni umwe, hakabamwo abigeme 4 bafatiwe mu Buganda bariko baja mu gihugu ca Oman.

Haratowe kandi inkoho 2 n’ama gerenade 2, insenga zo kuroba zitemewe n’amategeko.

PNG - 380.4 ko
André NDAYAMBAJE, umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi

Ico gikorwa c’ibihugu bihurikiye mu mashirahamwe EAPCCO na SARPCCO cabaye kuwa 4 na 5 Gitugu 2017, Umugenduzi Mukuru w’Igiporisi c’Uburundi, André NDAYAMBAJE akaba yabishikirije kuri uwu wa mbere, mw’itangazo ry’ivyavuye muri ico gikorwa c’ibihugu bihurikiye mu mashirahamwe EAPCCO yo muri Afrika y’ubuseruko na SARPCCO yo muri Afrika yo mu bumanuko, igikorwa cerekeye kugwaniriza hamwe ivyaha ndengambibe catunganijwe ku ncuro igira 4. Ico gikorwa ciswe "USALAMA 4".


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha