IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa urudandazwa rw’abantu harimwo (...)

Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa urudandazwa rw’abantu harimwo n’abagabo

mercredi 6 décembre 2017

Uwo yerekanywe n’igiporisi azwi kw’izina rya Gerard BIGIRIMANA avuka muri komine Bugendana, intara ya Gitega, ubu akaba aba mu gisagara ca Bujumbura, muri quartier Kinanira 3 ,iri muri zone Musaga, komine Muha.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko BIGIRIMANA Gerard yafashwe kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo 2017, mu Kanyosha, ari kumwe n’umwigeme yagomba ajabukane i Kigoma, mu gihugu ca Tanzaniya.

JPEG - 162.1 ko
Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko bizunze amatohoza bamaze gukora, bamenye ko aho mu gihugu ca Tanzaniya hari umuntu yari arindiriye ko uwo mwigeme ashikanwayo, agaca arungikwa mu gihugu ca Kenya, kugira ku ntambwe ya nyuma ajanwe kugurishwa mu bihugu vy’abarabu.

Pierre NKURIKIYE avuga ko gishasha cibonekeje kuri Gerard BIGIRIMANA ar’uko mu gihe vyari bimenyerewe ko hajanwa abigeme n’abakenyezi, wewe muri 10 amaze kujabukana harimwo abagabo babiri.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko Gerard BIGIRIMANA yemera ko akora urudandazwa rw’abantu, kandi ko no muri terefone ngendanwa bamufatanye harimwo amakuru avyemeza.

JPEG - 133.1 ko
Gerard BIGIRIMANA, yagirizwa gukora urudandazwa rw’abantu

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi asaba abarundi bose kumenyesha igiporisi hakiri kare, mu gihe cose biketse ko hariko hakorwa urwo rudandazwa rw’abantu, akibutsa kandi ko ari icaha c’agahomerabunwa, kandi giteye isoni.

Umuvugizi w’igiporisi agasaba kandi uwomenya aba amazina yanditswe aha munsi ko yobatabariza, kuko bari ku rutonde rw’abamaze kujabukanwa imbibe z’Uburundi.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko Gerard BIGIRIMANA aca akorerwa dosiye, imbere y’uko arungikwa mu butungane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.