IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu babiri bagirizwa kwiba bakoresheje (...)

Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu babiri bagirizwa kwiba bakoresheje uruyeri

mardi 13 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo babiri ni umukenyezi yitwa NIYONDIKO Joselyne, akorera mw’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta “Mutuelle de la Fonction Publique”, na NDIKUBWAYO Alain Diomède aba muri quartier Musama, muri zone ya Kanyosha.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko uwo mukenyezi NIYONDIKO Joselyne yakora ubwo busuma abeshe abantu ko ashobora kubaronkera akazi kandi ko ari umwishikira, ku muyobozi mukuru w’iryo shirahamwe Conciliya NIYIBIGIRA, agasaba dosiye hamwe n’amafaranga ashika imiriyoni 2 y’amarundi ku muntu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mukenyezi yari amaze gutoza amafaranga arenga imiriyoni 16 z’amarundi,ku bantu 8 batandukanye.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga kandi ko uwo mukenyezi yagirizwa kandi amafaranga ashika imiriyoni 30 z’amarundi y’ifumbire y’ikizungu yanyuruje mu Kayanza atararonka akazi, akaba yariko arayariha.

JPEG - 46.6 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Uwa kabiri n’umugabo igiporisi c’Uburundi kitarashobora kumenya neza umwidondoro wiwe w’ukuri, kuko basanze afise ikarata karangamuntu zitanu, harimwo n’ikarata yerekana ko ari umusirikare.

Kw’izina rya NDIKUBWAYO Alain Diomède,igiporisi cabaye kirafata, igiporisi kimaze kumenya ko afashanya n’abantu 2 bose bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba,bazira ko bamaze kwiba imiriyoni zishika 59 z’amarundi,yibwe ku bantu 2 bakoresheje amayeri, ndetse bayaguramwo n’imodoka yo mu bwoko bwa TI.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko muhira iwe bahafatiye ikarata karanga muntu 5, impapuro z’inzira 2 bita “passeport, impapuro 2 zo kurondera inkozi z’ikibi, rumwe rwo ku rwego rw’iperereza urundi rw’igiporisi gikorera mu Kanyosha,ikarata simu 16 z’amaterefone,terefone 3, impapuru z’inzira 2, bita “CEPGL” agatabo ko kubika no kubikura ko muri BANCOBU k’uwitwa BUKURU Dieudonne,ikimangu ca magendu c’ishirahamwe mpuzamakugu “ONU” mu bijanye n’umutekano “UN Security Approved”.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko atari irya mbere uwo mugabo afatwa, kuko yaramaze gufatwa kenshi n’igiporisi, aho yafatanwe n’urupapuro rw’ubwigenge mfatakibanza rwerekana ko yahora mw’ibohero rya Mpimba igenekerezo rya 2 Mukakaro 2017, kuri ivyo vyaha nyene.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano asaba abanyagihugu kwama bagavye, ntibasubire guhendwa n’izo nkozi z’ikibi ndetse ko n’aboba baribwe muri ubwo buryo ko bokwitura inzego zibijejwe zikabatunganiriza.


Callixte NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.