Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanye bane bagirizwa urudandazwa rw’abigeme
Igiporisi c’Uburundi cerekanye bane bagirizwa urudandazwa rw’abigeme
mercredi 17 Rusama 2017
Abo berekanywe n’igiporisi c’Uburundi ni HAKIZIMANA Venuste batazira Risiferi, NTAHOTURI Emmanuel batazira Gaposho, NIZEYIMANA Jean batazira Munyarwanda, hamwe n’umukenyezi KANYAMUNEZA Esperance.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bafashwe bafatiwe muri zone ya Kanyosha iri muri komine Muha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, kubera amakuru bahawe n’abakobwa baciye mu mazu abafashwe bakoreramwo ibikorwa vyo kugurisha abana b’abigeme.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi yavuze ko umwe muri abo bafashwe HAKIZIMANA Venuste batazira Risiferi asanzwe afise inzu mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ishikiramwo abakobwa bagomba kujanwa mu bihugu vy’abarabu.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza abandanya kugira bamenye ido n’ido kuri abo bafashwe.

Messages
17 Rusama 2017, 14:28, par mutama
None Muraraba Ntibabe Barenganywa Kuko Ivyo Muburundi Biragoye Bagiriwe Ni Caha Bahanwe Bimwe Vyaka Rorero
17 Rusama 2017, 15:05, par FIACRE
yoo basumba abafatakunguv,nibahanw barabe nabobakoran,nahobashikiz barabe kwabobajany?
17 Rusama 2017, 18:05, par gatwe
Aho mwaberekanye cank mwabafutse,,mumaz kuba mwabavuze amazina kuki mubafuka..namwebwa ntakigenda
17 Rusama 2017, 21:31, par nibigira emmanwel
nakamaramaza nibahanwe.
30 Gitugutu 2017, 09:33, par ncuti
Umwe murabo bagabo ,uwo yamabaye jeans na shirt ya quart quart ,ariko ara denderezwa , baramubeshera ,we ntaho yigeze akora ivyo bamurega ahubwo abamufashe bamuronderako amahera,bamutazira kaposho,asanzwe afise amazu apangishije n’abantu benshi bakora ubuzi butandukanye ;aba menuisier ,abanyeshure ba kaminuza,abashoferi,na jewe nahora ndumupanagayi wiwe nakora kuri c.m.c.k hospital ,bapangayi biwe twumvise iyo nkuru twarababaye gose ukuntu gaposho yamye adenderezwa ,jewe umusi wa mbere nshikayo narakubaguwe bansaba gutanga 2 casier de primus 1casier d’amster,haciye imisi bahengera ndiko ndasorora ababanyi mu rugo bandengerako barampfunga ngo ntibanzi ngo karangamuntu yerekana ko ndi umunye ngagara ,inkozi y’ikibi. dusavye ko gaposho yo rekurwa kuko bamureneganya