IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO yaburiwe irengero

Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO yaburiwe irengero

lundi 16 avril 2018

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko, umuryango wa Rodrigue NZEYIMANA wituye igiporisi, ukimenyesha ko wamubuze, igiporisi kimaze gutangura amatohoza ,imodoka ikaba yaramaze kuboneka ariko umuntu akaba ataraboneka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, naho amakenga atabuze ku ruhande rw’umuryango w’uwo akironderwa, amatohoza ariko arabandanya kandi ariko atera aja imbere.

Ku kibazo co kumenya aho amatohoza ageze, Pierre NKURIKIYE ntashima kubivuga, ariko akemeza ko amatohoza yatanguye, kandi ko Rodrigue NZEYIMANA ariko araronderwa.

Rodrigue NZEYIMANA yari ajejwe ubudandaji mw’ihinguriro ry’isima BUCECO rikorera mu ntara ya Cibitoke, yaburiwe irengero kuva mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018.

JPEG - 150.4 ko
Imodoka ya Rodrigue NZEYIMANA yatowe kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo

Imodoka yarimwo yatowe mu muserege ujana amazi uri hagati mu mabarabara abiri kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, muri karitiye ya Mutanga Sud,zone Rohero, komine Mukaza, hafi y’ikigo ca kaminuza co ku Mutanga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.