Accueil > Amakuru > umutekano > Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO yaburiwe irengero
Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO yaburiwe irengero
lundi 16 avril 2018
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko, umuryango wa Rodrigue NZEYIMANA wituye igiporisi, ukimenyesha ko wamubuze, igiporisi kimaze gutangura amatohoza ,imodoka ikaba yaramaze kuboneka ariko umuntu akaba ataraboneka.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, naho amakenga atabuze ku ruhande rw’umuryango w’uwo akironderwa, amatohoza ariko arabandanya kandi ariko atera aja imbere.
Ku kibazo co kumenya aho amatohoza ageze, Pierre NKURIKIYE ntashima kubivuga, ariko akemeza ko amatohoza yatanguye, kandi ko Rodrigue NZEYIMANA ariko araronderwa.
Rodrigue NZEYIMANA yari ajejwe ubudandaji mw’ihinguriro ry’isima BUCECO rikorera mu ntara ya Cibitoke, yaburiwe irengero kuva mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018.
- Imodoka ya Rodrigue NZEYIMANA yatowe kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo
Imodoka yarimwo yatowe mu muserege ujana amazi uri hagati mu mabarabara abiri kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, muri karitiye ya Mutanga Sud,zone Rohero, komine Mukaza, hafi y’ikigo ca kaminuza co ku Mutanga.
MUGISHA Van Naris