Incamake

Igiporisi cafashe imiduka n’amapikipiki kivuga ko zokoze mu guhungabanya umutekano w’amatora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 mai 2018 saa 08:16
104700
0 0

Imodoka 10 hamwe n’amapikipiki 27, nivyo vyafashwe n’igiporisi kuwa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, muri karitiye ya Rohero, zone Rohero, Komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko zari izokoreshejwe mu guhungabanya umutekano w’amatora.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko izo modoka n’izo pikipiki nshasha zafatiwe mu nzu ya Hussein Bastena, umukenyezi w’umurwizatunga azwi kw’izina rya Ba Youssouf akorera mu gisagara ca Bujumbura, aho zari zimaze imyaka ishika indwi.

Pierre NKURIKIYE avuga ko.inyuma y’igikorwa c’abajejwe umutekano basanze ari iza Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, kandi zari zinjiye mu mwaka wa 2010, akiri umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga ko amatohoza azobandanya kugira uwo bazosanga afise uruhara muri ivyo, ahagarikwe hanyuma ashikirizwe ubutungane.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ahri izindi zitashitse mu Burundi, zaciye zija mu gihugu ca Sudani.


Kumenyekanisha

1
kabuga 14-05-2018 à 16:12

ruriye uwundi rutakwibagiye. Ntuze uryoherwe ngo naka amerewe nabi kuko twese dufise umusi umwe tuzobona dupfa kandi ntawuzi uruzomuhitana.

2
miweto 13-05-2018 à 20:20

Ariko kuki mubeshywa mugahita mwemera ?izo modoka n’ayo ma moto se zanditseho ko zatumirijwe kudurumbanya amatora ?abarundi mujye mukura mu mutwe.

3
Iteriteka .rene 12-05-2018 à 16:44

Ndababajwe.nabantu 26 baraye bitavyimana .muntara yacibitoke .imana .izohora .amarasoyabo !

4
ndayishimiye salvator 12-05-2018 à 10:25

ntakundi nibazishikirize leta hama nayo bishoboka izikoreshe kuko ntawomenyako zitavuye mubutunzi public !

twamujeri turiko turahera amenyo !mpaka tu.......komeza bazotekereza....respect to you

5
Nshimirimana Gerard 11-05-2018 à 21:12

Kubwanj Ndahanura Abagikokeza Intambara Bateshwe Bate Twaramenye Igisumba Ikindi

6
Mama 11-05-2018 à 20:51

Yobayazitumizeko akiri umukuru wumugambwe CNDD FDD hanyuma zizagushika Burundi 2010 yaramaze gupfungwa ?
Wamugabo bwabundi abahoratwibaza kobaribamupfungiye ubusa twokwemera kobaribamutohoje bikwiye koyarigiye gutanguza akarambaraye.

7
NIYONZIMA 11-05-2018 à 20:19

Andika hano IMANA ihabwe icubahiro bandanya mwipereza mudufatire inkoho nibindi bigwanisho boribokoresheje mutohoze nomugihugu hagati

8
Ntacobitwaye 11-05-2018 à 19:09

Nibace bazishira muriareta kugira zizoze zirafasha abanyagihuga

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha