Igiporisi cemeza amatohoza yatanguye kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA wa UPD

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 Nyakanga 2017 saa 11:05
Yasomwe : 12312
0 0

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko catanguye kuri uwu wa kane amatohoza kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA, umunywanyi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rirongowe na MUGWENGEZO Chauvineau, yahagaritse kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, iminsi ikaba ibaye ibiri atawuzi irengero ryiwe.

Ayo matohoza y’igiporisi atanguye mu gihe umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, yari yamenyesheje kuri uwu wa gatatu ko igiporisi c’Uburundi atarico cafashe Léopold HABARUGIRA. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yari yamenyesheje ko ata makuru namwe afise y’iryo fatwa.

Petero NKURIKIYE yari yavuze ati : "Igiporisi ntikiramenya ko hari umuntu yitwa Léopold HABARUGIRA yoba yarafashwe ejo, kuko nta rwego rw’igiporisi mu bajejwe gufata abantu baba bagirizwa ivyaha rwamufatiye aho hantu, kandi ntawuraza kubwira igiporisi ko hari umuntu yafatiwe aho hantu."

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi bemeje kuri uwu wa kane ko bahawe ibirego (Plainte) kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA, kandi ko amatohoza yatanguye.

Léopold Habarugira w’imyaka 54 asanzwe ari somambike wa Hussein Radjabu yigeze kuba ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD yafatiwe muri karitiye ya Mutanga, muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa kabiri.

Nk’uko bivugwa na Libérate Nzitonda, umupfasoni wiwe, yafashwe n’abantu batatu barimwo umwe yambaye impuzu z’igiporisi kandi yari afise inkoho, aca yurizwa ku nguvu mu modoka abo bagabo batatu barimwo. Aho hari mu gihe uwo munywanyi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA hamwe n’umupfasoni wiwe bariko binonora imitsi (Sport).

Umuryango wiwe umenyesha ko ata makuru y’aboba bamufashe bafise, hamwe n’aho yoba apfungiwe, ugasaba ko ikibanza arimwo comenyekana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha