Igiporisi kirwanya iterabwoba catanguye imyimenyerezo

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 4 Nyakanga 2017 saa 12:18
Yasomwe : 8937
0 0

Ubushikiranganji bw’umutekano busaba abanyagihugu kudasimba umutima no kubandanya imirimo yabo, mu gihe umugwi w’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya iterabwoba uzoba uriko ukora imyimenyerezo yo guhangana n’ububisha bw’iterabwoba.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’umutekano, igiporisi kiza guturitsa amasasu n’ibisasu mu myimenyerezo yatanguye kuri uno wa mbere gushika ejo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017.

Pierre NKURUKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo myimenyerezo iza kubera ku kibuga c’umupira w’amaguru co kw’ishure ETS yo mu Kamenge y’i Bujumbura.

Pierre NKURIKIYE avuga ko imyiteguro y’iyo myimenyerezo y’umugwi w’igiporisi kidasanzwe kjejwe kurwanya iterabwoba yatanguye kur’uno wa mbere igihe c’isaha zitatu z’agatondo , imyimenyerezo nyezina nayo ikazotangura ku musi w’ejo igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017 kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo gushika isaha zitandatu n’igice z’umutaga.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko ibimenyeshamakuru vyemerewe gukurikirana iyo myimenyerezo izoba kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha