IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igitero cakozwe kuri Willy NYAMITWE cagirijwe igihugu c’Urwanda

Igitero cakozwe kuri Willy NYAMITWE cagirijwe igihugu c’Urwanda

mardi 29 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko igitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere kuri Willy NYAMITWE cobazwa igihugu c’Urwanda, kuko kubw’igiporisi, igihugu c’Urwanda gifise umugambi w’ukurondera guhungabanya inzego z’Uburundi, ico gihugu kikagirizwa ko kiriko kirondera kugandagura abari muri izo nzego.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, inyuma y’aho Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahatswe kugandagurwa n’abantu bamutegereye atashe bakamurasa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, yamenyesheje ko amatohoza yamaze kwerekana ko abagira bagandagure Willy NYAMITWE bava mu gihugu c’Urwanda, akavuga ko ari umurwi usanzwe umurondera kugira umwice.

"Muri uwo murwi abajejwe umutekano bari baramenyemwo bamwe. Hariho umusirikare umwe mutoyi yitwa Caporal NDUWIMANA Jean Claude yari yigeze gufatwana inkoho ntoyi zitwa pistolets zibiri, aca arabavuga ko abashaka kugandagura urya muntu [Willy NYAMITWE] ari abari mu Rwanda, harimwo mbere n’umusirikare umwe w’umunyarwanda, hakabamwo n’abarundi bose bari i Kigali. Batuma abo bantu kugira bamugandagure"

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo musirikare mutoya w’Uburundi yafashwe yari yaravuze ko abo mu Rwanda batanze amategeko ashikira ku musirikare w’Uburundi, Colonel DUSHIMAGIZE Dieudonne asanzwe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Nk’uko vyashikirijwe n’uwo avugira igiporisi, abari mu Rwanda bakorana n’iyo ntwazangabo yaca yegeranya abahabwa igikorwa c’ukwica indongozi z’Uburundi.

Willy NYAMITWE yategerewe atashe kw’ibarabara Bujumbura-Gatumba, hafi yo muhira iwe, arashwa n’abantu bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Kalashnikov. Abo bantu barateye na gerenade zitatu ku muduga wiwe, ariko zibiri zikaba zitaturitse, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi, akamenyesha mbere ko umusirikare umwe w’Uburundi yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

  • Haaaa izo mbwa zitazi kurasa ubwo naba dd bari gusubiranamo

  • ukwo nukuri, kagame ibi bizomuhumira nabandanyetu.mukanya bose bazoba bacakiwe.....

  • Nimugiringuvuzose.uwomurwimuwusanbure.utaraduhekura.muwuburizemwo.ndazikomuritwari.ok

  • muri imbecile kubeshyara abandi mwabigoryi mwe

  • Barundi, Barundikazi nti muhedwe n’abanyarwanda ni mureke kwisamburirako nk’ impene, ni muve i buzimu muje i mbuntu mureke ku bandanya musongera isibe.
    Abo banyarwanda baramenyereye kwangara. mwibuke umugani w’ikrundi uvuga ngo: uwuja gusambura urwiwe ngo bamutiza umuhoro.

  • Mbe shahu Nkurikiye! Nta soni ufise! Uko n’ugutinya u Rwanda gusa! Murasuzuguza u burundi n’inzego z’umutekano zose. Ico womenya co u Rwanda rubishatse mwese rwobamara mugata mukomoka. Nimba mubishaka murazorenga wa murongo ntarengwa Kagame yababwiye hanyuma muzokwibonere ishano!

  • Abon! none ntimwoduha uruhusha tukakarya ari kabisi ubonako kagome ataninyama kifitiye, ikindi naco aba banyagwanda bafise za societe nukubaraba neza aboni:bulangerie GOSHEN ,SONI munyakabiga idandaza ibiharage ,SCOOL Nabandi bamwebamwe badandaza kuri BATA banyagwanda kagome arabahennda yavuzeko aribwaribwa turamutegereje ntitwokwigwa numwana ntiyomuhaga

  • nkurikiye nanubu utaraca akenge uzogezahe kuvuga amakuru utatohoje mbe nyamitwe itohozarye niryo ribaye iryambere mu burundi abandi kontayo mukora mwabuzivyo muvuga ku rwanda rwa rabasize muterambere urimunduru zidashira utekerezeneza nico kigugu kimara abantu abarundi muribigugu ntamuzima wuurundi ubakwisi niko bimeze biragaragara

  • Ariko uziko mwasaze mwa barundi mwe ubwo ibyo uvuga urumva nta soni biguteye mu kanwa kanyu habamo urwanda bite byanyu mwarasaze gusa nta kindi ariko abo muvuga ngo ni abanyarwanda kuki mutaberekana kuri TV ngo amakungu abibone byarabacanze mwiriza urwanda mu kanwa muzumirwa

  • muri ibijuju matazi kurinda abategetsi banyu, izo mbonerakure zimaze iki ko zitarinda abategetsi bazo. muzashira babatoramo kamwe kamwe, incabwenge muzashiduka zaheze, musigaranye ibipurizo gusa.

  • wewe wiyita pontien, ivyo uvuga ushatse wonuma kuko iyaba ugwanda nagwo rudatinya uburundi ubu baba bamaze gutera uburundi, ko batabikora none? puuuuuu

  • YARASWE NUMUSODA MUTOYI, DODOBEREZA ABONYENE BADODODBEREZWA NTIBIGOVYORE, BAMENYEREYE KUBAGENDANIRA BAFYETIFURO ZAWISIKI AHO MWAZINYWEREYE. CAPORAL YOTEGURA KWICA ICOGIHANGANGE ASHIKE KUKI! MUGA UMWAKA ICO GISIRIKARE COKWIHA AGACIRO KIGAHABWA AMAPETE NKA UGANDA NAHANDI, AHUVA KUMUSODA MUTOYI UKAZOSHIKA KURYANYUMA RYOKUGIHUGU, BIZUMVIKANA KWASHAKA GUSIMBIRA AHO. NAJE NDIPFUZA CAPORAL KO YOZA ARAZA NKUNSUKURIRA MURUGO, MFINSIMBWA IRANYONONERA MURUPANGU.

  • Willy Nyamitwe
    Inkuru yokwizera nuko Bunyoro yarahiye akarengwa ko ategerezwa guhora umuhungu wiwe uwamahoro aryamye muri prison. Yapfunzwe na Peter na Nyamitwe. Bakaba bamaze no kumutwara amahera menshi angana na 60 milliards batoye mu kinanira kumu habara wa Desire. Ayandi bayatoye munzu iwe. Ayo mahera bayashira Peter ariko baravuga ko Nyamitwe yaronseko. Kandi yita imbere mukubisigura no kudodobereza benewabo. Ubutigu burageze. Bunyoro yarahiye ko atagenda atamwishe.
    Yamuviriye hasi kubera akagaye nokugomba guteranya benewabo babagumyabanga mbere bagiye kurugamba.


    Installer "Burundi Crise"

  • ndatangaye caane !!!none ko bugaye imbibe abanyarwanda baciye hehe kugira batere nyamitwe?canke nabo bagendana bagire bamukosore

  • umupolisi kweli avuga nk ibi? urwanda rwategereye nyamitwe imuhira iwe? uri ikijuju c umupolisi kweli

  • NARI GUTANGARA IYO MUTAVUGA U RWANDA!!! Ariko umu police w’igisongerezi nkuyu arubahuka agahagarara ku maguru abiri akabesha! Barundi ni mwisubize umutamana kuko biteye isoni kubona amabi yose twiteye mu Burundi duhora tuyegeka ku baturanyi bacu. Nabo baratwihoreye dusigaye dutamba twirorera. Oya nukuri bategetsi bacu geze ngaho.

  • Imana ishimwe ko yamurinze akarusimbuka! ariko ndagaye uyu OP1 KUKO IVYO ASHIKIRIJE N’IKINYOMA GISA!

  • Nta Sindumuja azosubira kwibaza ko ashobora gutoza igihugu intoke, hanyuma Abanyarwanda nabo nibarabe ivyabo kuko Uburundi n’urwabarundi

  • Reseau yibihugu vya Bulaya nintwaro ya US yarimaze igihe irongowe numukuru waba Gay ntawutabizi kwifiswe na Kagame yababeshe ngo ikibazo cogusambura uburundi ngo nimukimpe nkifatire muntoki atimwebwegusa mumpe uburyo bukwiye /amahera.
    Uwuzi gushishoza neza naze dufashanye gutanga uburorero: akarorero kambere kavyerekana ko US ifitaniye umugambi na Kagame bubi ku Burundi nimwibuke mumisi mike itangazo ryavuye muri America rubuga ngo nabany’Amerika birinde kuja Burundi ngwabariyonabo bagume kumihanayabo ngokumasaha yumugoroba.
    Wewe rero uzigukoresha ubwengebwawe neza ivyontacobikubwira kukumva igihugu nkakirya nigihangange gitangaza itangazo nkarirya kugihugu nkiki cuburundi gifise umutekano ntangere? Kuko iyoyaba America itabirimwo itangazo nkiryo yoritangariza abayo bari Uganda, Ethiopia, Congo nahandi bataribake.
    Mbibabaje kuko nimurabe uburundi nabwo baramaze kurinka ababusaba ko botangura gukora ibintunkivyo mu Rwanda ariko bwishuyeko buzobahinyishu mumwaka uza ngo bubanje kubaza ibihugu bicuditse nimwumvarero bitanguye kubabibi murwanda muzoce munenyako uburundi bwahisemwo gusubiriza munkoko urwanda kandi bizobaribibi kubene kuba mu Rwanda.

  • Abo ba Sindumuja, nukubahasha no kubahata birere kuko Kagame aca kuri bo kugire ahungabanye umutekano mu Burund. Kagame ni kijuju ntiyunvira kure kuko ejo ashobora gupfa hanyuma umuryango wiwe ugasigara mu bibazo.

  • Iki kinyamakuru cemera ibitutsi n’imikomo y’abungere, jewe nta gaciro ndagiha! Yemwe, yemwe banditsi b’ikinyamakuru "IGIHE", ni mwikebuke! None ko mwadusavye ngo "AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni. Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
    Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.
    Burya nyene murabisuzuma? Ni mwaba mubisuzuma ibi bitutsi biri muri izi commentaires ku giterocagizwe kuri Willy Nyamitwe kuko mwabiretse bigasohoka? Hariho n’ahandi henshi mwagiye mureka ibitutsi, amacakubiri n’amajambo yo guteranya abantu birarengana. Mwisubireko!!!

  • Turasaba leta y’uburundi kujyana munkiko Pacifique Nininahazwe kubera abakobwa yagiye afata kungufu kandi ari ba mineurs. Mugabo abo yafashe nibenshi nibyiza ko ubutungane bushaka abo bose uwo mugesera yakoreye viole hanyuma hagatangwa mandat d’arret.

  • ABANYARWANDA KAGAME YABASABYE KO BAREKA INJIJI ZABARUNDI ZIKAJYA ZIVUGA IBYO ZISHASTE
    KO ALIKO HALI UMURONGO BATARENGA.

  • Abarundi mwishyira aho mutari!! Urwanda rubashatse mwebwe bitwa ngo ni abategetsi bi burundi, ijoro rimwe rirahagije kuba mwese mwavuye kw’isi. Ntimugashake kwigereranya n’abo mutareshya ngo bakeneye kubica kuko ntacyo Abanyarwanda bakura i Burundi atari ivanguramoko, ruswa, ubwicanyi, akarenganyo, ubucucu n’ubukene. Uwo nyamitwe arushwa ubwenge n’ubunararibonye n’umukuru wa village mu Rwanda, uwo ntiyaba na executive w’umurenge so ntacyo urwanda rwaba rumushakaho.

  • Erega bashahu abo bayobozi b’U BURUNDI barabashuka kandi nababwiye kuva kera ko abafaransa babashukaaaaa u Rwanda muzaruvuga munanirwe.Ntacyo rubatwaye ariko niba murushaka ubwo murashaka abanyarwanda boseee,mukomeze mukorane n’izo nterahamwe muzabona icyo zibakorera.Niba mushaka nimuze mureka ibigambo.Mwamenye ko ari abanyarwanda babikoze birangiye ???kuki mutakoze ithoza mbere yuko bibaho,abategetsi banyu barabahenda shaaaaaaa,nimuzeeeee

  • Wowe wiyita Claire banza umenye kwandika hanyuma ubone kuvuga.igihugu kitabaho ndebera kweli nkuwo mu polisi uvugira igihugu nawe atakwivugira,genda Burundi warakubititse nuko utabimenya

  • Ariko nkuyu mupolisi usa kwisura no kumutima nka Juvenal habyarimana Niki cyiza yakwifuriza u Rwanda dusashe inzobe.....

  • icucu cumwofficier wumurundi avuga ibonyoma atja agirisoni mukuvuga, mwe muri banyinayazana, abahutu ubwanyu nimwe muriko murasubiranamwo, hagow umujeshi mutoyi wuburundi, himama umusazi yishabazungu, himma caporl yishye aba general eehe bahakijye umuhanuzi wa president, muteyisoni

  • Urwanda Ruzibonerako Imanirahorihoze Imanimuzigame.

  • Abarundi mufise leta yinjiji basi. Ikintu case kibaye ngo urwanda mwaranasaze ntibisanzwe mudukure mukanwa kanyu tumaze nokurambirwa ibigambo byanyu. Mwahisemo kumarana mubikomese mutabizanyemo URwanda.

  • Vyamenyekanye ko ari agakino ntihabuze Umututsi bagira bahitane,murindire gato,naho u Rwanda murarubeshera

  • Reka,kwihekura Ibibera.Muburundi,ndabizi.Kuko,ndabubamwo !!!Uwugusumva,ubutunzi.Agusumva N,ubwenge Burundi,uhuriyehehe. N,ugwanda Mwihangane,kabayobeye !Vakugwanda Ndarushigikiye Mbega.Baragurutse,mugushika Muburundi ?Imbibe,z,uzuye Imbonerakure ,icakoze Mwaragwije Ubusuma,n,ubwambuzi

  • Muri mbwa,ubwo se ba police, bu Rwanda cg abanyarwanda bageze muri capital, murihe

  • Ntibitangaje ko ico kideberi Ngo Ni nkurikiye yo vuga amateshwa nkayo ko yari uwo mwicanyi wiwabo bafatikanije gutikiza inganda yari kubura kuvuga ko muminota itarenze10 amatohoza yarangiye kandi hamaze kumenyekana aba shatse kumwica umumenyesha makuru j bigirumana amezi arenga 5 anyurujwe murico kiringo cose ko ataratubwira ababikoze umwana wumunyeshure aherutse kwicwa nimbonerakure ibubanza kumutaga Riva kwataratubwira ko yafashwe nabandi beshi umuntu atodondagura ngaha rwamare naho uwumusirikare bafashe azira Ngo nuko abana nanyamibwa kubana numuntu ntibica bisigura ko ugomba kumwica wumvise imvugo nza nzobonarivya ikumva nimvugo zico kitazi Ngo ninkurikiye urumvako ivyabaye Ari amarementanya yokurondera aho ba marira abantu

  • Je Mbonah Vyari Bigeze Mworeka Kwican Urwo Rwanda Narw Nimbarivy Mururek Ruzobona Atarivy Nah Murek Kuz Muratubesh Kand Dufis Ubweng Mbe Ko Mwam Mufata Abacaporal Gus Nib Bab Bitumy Kwica Abakomey?

  • Jewe nabuze n ’ico mvuga kubera ubujuju n’utugenegene aba bagabo badukinira,ariko aho uwo Nkurikiye. yavugiye utugugu hari umuntu akimutega amatwi?N’akamaramaza uko n’ukutwambika ibara mu makungu kuko aho hiyo mu Rwanda n’ahandi baguma bisekera ukuntu dutwawe n’abayobozi babakeha bwenge.Murashobora gutegura kwihekura kugira mubeshere abantu mugaca mudendekanya utugugu tutagira ifatiro ngo muriko murasigura

  • Ewe Nkurikiye Petero ubwo wumva ivyuvuga birikumurongo kabisa? ndababwire musigaye gusara kumisozi musazwa nurwanda, burya urwanda rugovye kubataka nomumapataro mwoyasobamwo. Amatohoza yurusaku yanyu arazi kunyaruka kabisa, mbekutaratubwira nimodoka barimwo yariyigiparati comurwanda?, ntamutegetsi avugikiryoma, nimwarose ubutegetsi mukirabana ninacogituma ivyomuvuga umengo nivyubwana gusa. Iconabo ushoboye nugutamba gusa ntabindi ushoboye, urabandanya ivyogutamba gusa, navyonyene numwuga, nayivyitwaro vyarabataye kuwamazi, uwonyamitwe urwanda rwomwica ngoruhungukire iki?, muraburakwisubirako mwebwe nyene ngonurwanda!, kera bavuga abagore ngonibo basakuza, noneho ivyobahora basakuza ubuniwe ubisakuza.

  • Hhhhhhhhhhhhhh Ariko abarundi mwagira abategetsi binjiji koko basigaye batangaza ibintu bisekeje rwose mwari mumaze kabiri mutavuga U Rwanda... Ngaho ngo muramagana ababirigi, ubundi ngo France ubundi ngo u Gwanda hhhhhhhhh ubu isi yose irabanga koko? Nyamitwe nigiki kuburyo u Rwanda rwamutaho umwanya?atwaye iki u Rwanda? Uziko mwitiranya. Kwiteranya numuturanyi nukwisamburiraho.muve mu matiku mukore.

  • @29.11.2016

    Nawe uri nkabenewanyu, ubwo ntasoni iyo mwirirwa musakuza ngo Rwanda irica Nyamitwe? Mugabanye ubugoryi mufite mu mitwe yanyu, Nyamitwe nu muntu muto cyane kuri twe. Igihugu cyanyu kigeze aho kidashobora kurinda abategetsi banyu icyo n’icyimenyetso cy’ubutegetsi bwa Nkurunziza bunaniwe, butazi icyo bukora, buhuzaguruka, butazi gukora geopolitical and regional analysis bikabatera kutamenya icyo mukora uhereye kuri Nkurunziza.
    Harya ngo mu mwaka uza muzakora iki? Wapi ntacyo muzakora muzakomeza musakuze gusa kuko nta kindi mushoboye. Ikindi nshaka kubwira nuko niba mutekereza mushake ibisubizo byi bibazo mufite. Iyo mubona isi yose icecetse mubonamo iki? niba mufite ubwenge?

  • ahubwo nagasomborotso kico gihugu c’urwanda ahubwo nukubakenyerera abo basi bigihugu.

  • ahubwo nagasomborotso kico gihugu c’urwanda ahubwo nukubakenyerera abo basi bigihugu.

  • ABO BANTU BIGIHUGU C UGWANDA BADUSHAKA KWIKI? NIBATUREK KUKO IGIHUGU CUBURUNDI UBU KIRI MUMABOKO YIMANA.KANDI INKONI YIMANA IZOBAKUBITA MUMUTW

  • hhhhhh nyamitwe ntabwoba yotera u Rwanda kuburyo rwajya kumwica ariko ntituzohwema kugaragaza ibinyoma byanyu mumakungu dore ntibakibumva kubera uburofa bwanyu
    u Rwanda nu Rwanda ruzaguma rwitwa u Rwanda muburundi ntacyo urwanda ruhashakaho kuko mwafunze imipaka yanyu mubuza ibiribwa kwinjira twarabihoreye kuko murabarwayi bo gusengerwa , gusa harumurongo ntarengwa HE yarabambwiye
    naho ubundi muzavuge ibyo mushaka .

  • ariko sinumva ikibazo ABARUNDI mufite ikibazo ni U RWANDA cyangwa ikibazo ni uburundi n’abayobozi banyu?

  • La seule solution n’est pas le fameux »dialogue inclusif »
    La seule vrai solution tot ou tard des generations de maintenant et demain est L’accord d’arusha appliquable au burundi et sumiltanment au rwanda.
    Une dictature d’une part domine une democracy de l’autre.
    La peur que l’un fait a l’autre est la cause du retour aux dictatures.
    On risque de conclure que une dictacture fait naitre une autre naturellement aux grands lacs.
    - havyarimana vs micombero
    - kagame vs nkurunziza
    Donc le problem est loin d’etre burundais
    Les intellectuells burundais et rwandais hutu-tutsi devraient accepter que TOTALEMENT notre vit est tellemnt lier comme un seul pays et que le malheur que nous vivons va continuer si on ne fait pas quelque chose ensemble.
    points:
    - rwanda -burundi ensemble devraint creer un sytem democratic pour tous
    - rwanda burundi devraint amener en jsutice la belgique.
    - rwanda burundi devraient creer une confedaration sous base d’arusha accord

    Bonne chason pour kagame et mauvaise chason pour nkurunziza est tout fanatic et limiter avec le temps

  • urusaku rwibikeri ntirubuza inka kunywa amazi
    mureke gouvernement yuburumdi ikomeze isambe isambira ku Rwanda nabogusetsa amakungu gusa ntakindi bashoboye.

  • URWANDA RUTURONDERA KWIKI ? EREGA ICO BOMENYA IYO UBWATSI BUSIGAYE NIYO UMURIRO UTERUJA .

  • URWANDA RUTURONDERA KWIKI ? EREGA ICO BOMENYA IYO UBWATSI BUSIGAYE NIYO UMURIRO UTERUJA .

  • Mbega abo banyarwanda bariko barata umwanya batuka Abarundi bibagiye ko abarundi babatunze imwaka mwinshi. nta soni n´ubwenge mugira, mushaka mwotekereza kuko ivyanyu ntibirahera gose, ntimushire agati mu ryinyo.

  • Ndabona ba Runyenzi-Nkotanyi ni ingengabitekerezo zabo zo kurimbura aba Bantous ari benshi muri commentaires.

  • Je Ndabaza None Ugwanda Numuyaga Cankenabantu Bacahe? Abarundi Nitwetwmarnra Ntamuntuwohanze Azatumara Usivytwebwnyene

  • Yoooo!!Batuma Abana Nukuri,ariko Bamubonye Bamuhusa Gute?

  • Abarundi ni bene Ntare Rugamba kandi ntanarimwe Urwanda rwigeze ruzinda Uburundi kandi noneho rutwarwa n’ umuzimu nico gituma afise umujinya wabahagaze rugabo
    kuko wewe asigaye ku magufa yohuhwa n’ agayaga.

  • Ce nkurikiye est sans paroles ET il est corrompus ET manque de professionell ! Un jour tu vas t expliquer ET regretter de tes mansonges ! Wait and see !!!

  • "Bazohera nk’ifu y’imijira" vyaravuzwe bagira ngo ntibibaraba reka babibone

  • Abarundi Turamarana Hanyuma Ngo Baratumaze Nimuze Dukundane Mwumveko Hari Agasubira Gukom

  • None Komubazi Bafate Bahanwe. Ewe Rwanda!Nne Ngobashakiki? Uburero Bashaka Kuduhonya?Ntibishoboka.Ariko Bagabo Twicunge Tubanenge Gahibe Tubereke Ko Tutarabana.Urabona Ko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.