IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikiziga c’umugore w’imyaka 40 catowe kimanitse ku giti

Ikiziga c’umugore w’imyaka 40 catowe kimanitse ku giti

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi bavuga ko uwo muntu yamenyekanye. Ni umugore azwi kw’izina rya NABIGO Mariya w’imyaka 40.

Ayo makuru nyene atangwa n’igiporisi amenyesha ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uwo mugore yiyahuye akoresheje umugozi, ariko mu giporisi bakemeza ko batazi icatumye uwo muntu yiyahura.

Uwundi muntu yihaye ibimwica

Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi mu ntara ya Ruyigi, umugore azwi kw’izina rya SHAHUSHI Modesqua w’imyaka 50 yihaye ibintu yanyoye bitazwi ivyarivyo, kugira yereke abariko bamwagiriza uburozi ko atarivyo. Agiheza kunywa ivyo bintu yaciye yitaba Imana, nk ‘uko bivugwa n’igiporisi.

Umugabo wiwe n’uwundi umuntu umwe bivugwa ko bafashanya mu kuroga baciye batabwa muri yompi, bakaba bagirizwa urupfu rw’abantu babiri bivugwa ko banyoye ishano mu nzoga y’impeke. Abagirizwa ico caha baracemera.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.